Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru barituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro
Abamenyeshamakuru barituye sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro
samedi 6 Mukakaro 2013
Abashingwamanza babiri François Nyamoya na Armel Niyongere barashikirije ibirego sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ku munsi w’ejo igenekerezo rya 5 Mukakaro 2013, baserukiye amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, ku bijanye n’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru umukuru w’igihugu aheruka guterako umukono.
Maître Armel Niyongere yamenyesheje ko bahisemwo kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kubera basanze iryo tegeko ritubahiriza ibwirizwa shingiro mu ngingo yaryo nimero 18 /2, 19, 31,39/2, 4, 40,47 kandi ritusunga amasezerano mpuzamakungu igihugu cateyeko umukono.
Abo bashingwamanza bagasaba rero ko iryo tegeko ryofutwa canke bagasubiramwo izo ngingo zirimwo utunenge.
Tubibutse ko tumwe mu tunenge twabonetse muri iryo tegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ari ingingo ibwiriza umumenyeshamakuru kuvuga aho yakuye inkuru, amande y’umurengera, urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza rusabwa umumenyeshamakuru hamwe n’ububasha bwababa ubw’ubutungane bwahawe umurwi w’igihugu ujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi.
Egide Nduwimana