Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abamenyeshamakuru basabwa guhimiriza abanyagihugu kuryama mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Abamenyeshamakuru basabwa guhimiriza abanyagihugu kuryama mu (...)

Abamenyeshamakuru basabwa guhimiriza abanyagihugu kuryama mu misegetera

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Mu gihe indwara ya marariya ibandanya kwiha inkumbi mu Burundi, abamenyeshamakuru basabwa guhimiriza abanyagihugu kuryama mu misegetera.

Abantu rero bangana n’umuriyoni barandura marariya, muri abo ababangamirwa cane, akaba ari abagore bibungenze, hamwe n’abana bakiri bato, muri abo baba banduye, abagera ku 500 baritaba Imana, bisigura ko ku munsi ku munsi abantu batanu bashobora gupfa, bahitanywe n’ico kiza.

Ku bwa muganga Dismas Baza ajejwe ibikorwa mw’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu OMS mu gisata c’ukurwanya marariya, avuga ko abantu bangana n’imiriyoni 198 banduye marariya, nayo abantu bangana 584 bakaba barapfuye bishwe na marariya mu mwaka w’2013, iyo ndwra ikaba ikaze cane mu bihugu vy’Afrika. Abamenyeshamakuru rero bakaba basabwe guhimiriza abanyagihugu mu kuryama mu misegetera, kuko vyagaragaye ko abicwa na marariya bagabanutse ku bice 47 kw’ijana kw’isi yose, hamwe na 54 kw’ijana muri Afrika, kuva mu mwaka w’2000 gushika mu mwaka w’2013.

Abanyagihugu rero bagasabwa kumenya ko marariya yica, kandi itavurirwa muhira, ndetse uwayanduye, akaja kwamuganga kare, kugira ahabwe imiti, ataramara gusinzikara. Uyivuje neza hakiri kare, abaganga bakavuga ko akira neza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Murabuze iconubabwira, kiretse namba uhimvye igihuha Ko mugihugu hagombakurwibara ivyobazobibwira abenegihugu, nayo ivyokubwira abenegihugu ngo bitwararike kurara mumisegetera nukubagora! Nubwobazobivuga bazocabangerekaho ngo; nubwobirukwo ngoburagoye kuzorara mumisegetera ngokubera ibirwanisho bivurwa kobirimugihugu!.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.