IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru basabwe kwitwararika gukora n’amakuru y’ubutunzi

Abamenyeshamakuru basabwe kwitwararika gukora n’amakuru y’ubutunzi

jeudi 20 Munyonyo 2014

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko amenyesha ko imigambi iriko irarangurwa muri uwo muryango ari myinshi, agasaba abamenyeshamakuru guha agaciro ibikorwa vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko kugira abarundi bashobore kumenya ibiriko birakorwa.

Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko bwatunganije ihuriro ku bayobozi b’ibimenyeshamakuru, hamwe n’abamenyeshamakuru basanzwe bakora ibiganiro bivuga ibikorwa vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Yohani Rigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko, yamenyesheje muri iryo huriro ko Uburundi n’ibindi bihugu bigize uwo muryango, bahisemwo gukorera hamwe kuko basanze aribwo buryo bwo gutera imbere hamwe n’ugushika kw’ihangiro ry’ugushitsa ivyo baba biyemeje. Mu migambi y’ubutunzi muri uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko bariko baratunganya, Yohani Rigi yagarutse kw’ishirwaho ry’isoko rusangi, ukworohereza uruja n’uruza rw’abantu n’ibidandazwa, hamwe n’umugambi w’ugukoresha ifaranga rimwe muri uwo muryango. Uwo munyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko avuga ko imigambi ari myinshi abanyagihugu bari bakwiye kumenyeshwa, ari naco gituma uruhara rw’ibimenyeshamakuru ari ntangere.

JPEG - 51.1 ko
Yohani Rigi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko

Innocent Muhozi, umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure Rennaissance, asanzwe yari muri iryo huriro ryatunganijwe kuri uwu wa kane, yamenyesheje ko abamenyeshamakuru mu Burundi bakora umwanya munini amakuru ya poritike, bagasanga bibagiye amakuru y’ubutunzi. Innocent Muhozi abona ko poritike yokorwa mu kibanza cayo, ariko n’ibijanye n’ubutunzi bigahabwa umwanya wavyo. Abakora mu bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko nabo basabwa kumenyeshwa ibikorwa n’imigambi vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, hagize ingingo ifatwa bakabimenyesha.

JPEG - 91.4 ko
Innocent Muhozi, umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure Rennaissance

Egide Nduwimana

Messages

  • gushigikira ibintunkibi nokuvyamamaza mubarundi nivyobishobora kuzokwihutisha iterambere nokwumvisha burimurundi ko buriwariwewese akwiyegukora icashoboye mazebose bagahuruzahamwe ivyobakoze mugihugu ekandetse nomubihugu vya EAC, nayokwibanda muvya politike gusa umwanyumwe haraho vyobabiri mubituma ubukene bukomeza kwiyongera mugihugu cacu cuburundi. Mboneyeho nogushimira Yohani Rigi adusabikanijemwo ibivyiyumviro vyiza, nkongera nkashima ijambo rivuzwe nuyumuntu Innocent Muhozi kukonawe avuzijambo ryakamaro ubonako tutaritubimenyereye, mweserero ivyomuvuze gusa bigabanuye ubukene butaribuke mugihugu, buryimvugombi isubiza inyuma igihugu nambamutarimubizi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.