Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru basubiriye kugira urugendo basaba irekurwa rya mugenzi (...)
Abamenyeshamakuru basubiriye kugira urugendo basaba irekurwa rya mugenzi wabo Ruvakuki
mardi 26 Ruhuhuma 2013
Nk’uko bahora babigira, abamenyeshamakuru bagize urugendo rwo gusaba ko mugenzi wabo Hassan Ruvakuki yorekurwa. Uyo amaze umwaka n’amezi 3 afunzwe. Igipolisi cababujuje kubandanya kugira bashike ku ngoro y’ubutungane, nabo baca basubira inyuma mu mutekano ntangere.
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’amaradiyo yari yandikiye ikete umukuru w’igisagara ca Bujumbura ryo kumenyesha urwo rugendo. Saidi Juma arongoye igisagara ca Bujumbura yishuye avuga ko urugendo rw’abamenyeshamakuru rudakurikije amategeko kandi ko rwohagarara.
Naho biri uko, abarongoye amaradiyo n’ibimenyeshamakuru babirenzeko bahamagarira abamenyeshamakuru kugira urugendo mu mutekano kuri uyu wa kabiri italike 26 uukwezi kwa Ruhuhuma.
Abamenyeshamakuru b’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi no mu makungu bari bavuganye ko bahurira ku kibuga c’umupira w’amaboko ahitiriwe Parquet. Guhera isaha cumi n’imwe z’agatondo abapolisi benshi bari bakikuje inzira n’amabarabara zose zigana kuri ico kibuga.
Abamenyeshamakuru baciye bahana isango yo guhurira imbbere y’inyubakwa ya Leo ku kibanza c’ahitiriwe ukwikukira kw’u Burundi.
Isaha zibiri zuzuye neza, abamenyeshamakuru bari batanguye urugendo. Bahereye imbere y’inyubwa ya Leo hagati mu gisagara ca Bujumbura. Bagenda bagana i station y’igitoro bita kwa Katikati. Bamaze kugenda nk’imetro 500 bashitse imbere y’iyo station yo kwa katikati, abapolisi baciye bahashika.
Abapolisi baciye bereka abamenyeshamakuru urwandiko rw’umukuru w’igisagara ca Bujumbura aho yasavye ko urwo rugendo rutoba.
Abarongoye amaradiyo n’ibimenyeshamakurubaciye bavugana n’abarongoye igipolisi cari carungitswe. Bamenyesheje ko badashobora gukoresha inguvu, basaba abapolisi ko bobareka bakabandanya riko nabo baranka kuko ngo bari bahawe itegeko ryo kuburabuza urwo rugendo. Abamenyeshamakuru baciye basubira inyuma mu mutekano ntangere baherekejwe n’abapolisi.
Bagihagaze, Alexandre Niyungeko arongoye ishirahamwe UBJ ry’abamenyeshamakuru yaciye ashikiriza ijambo ry’urwo rugendo.
Yavuze ati: ’’ Ico twashaka turagishitseko. Twashaka kugira urugendo twerekana akababaro dufise kubera mugenzi wacu Hassan Ruvakuki amaze umwaka n’amezi atatu afungiwe, kuko yazize akazi kiwe. Abapolisi ntibatworohereje ko tubandanya gushika ku ngoro y’ubutungane ariko twerekanye iciyumviro cacu.’’
Alexandre Niyungeko yavuze ko ababajwe n’inyifato y’igipolisi kitorohereje abamenyeshamakuru kubandanya urugendo. Yavuze ko abamenyeshamakuru bazoruhuka aruko mugenzi wabo arekuwe kandi ngo ntabwoba bazogira bwo kubandanya ibikorwa nk’ivyo.
Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru, amaradiyo n’ibimenyeshamakuru amenyesha ko urugendo rwabo rukurikije amategeko. Patrick Nduwimana arongoye iradiyo Bonesha FM amenyesha ko ibwirizwa nshingiro rigenga u Burundi n’amategeko mpuzamakungu yose arekura ko umuntu afise akamubakiye agira imyiyerekano mu mutekano ntangere.
Alexandre Niyungeko arongoye UBJ asaba ubutungane ko bwokwikubita agashi bukarekura umumenyeshakuru Hassan Ruvakuki. Avuga ko bicafuza isura y’u Burundi mu makungu.
Ku munsin wa kabiri uheze, abamenyeshamakuru bari bagize urugendo nk’urwo ariko igipolisi caciye kibasukamwo ivyotsi bikoroza amosozi.
Abatari bake bariyamirije ingendo y’igipolisi yo gukoresha inguvu mu bantu batekanye. Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Bulaya ryarateye ivyatsi inyifato y’igipolisi cakoresheje ivyotsi bikoroza amosozi mu bamenyeshamakuru. Yavuze ko yibaza ko ari akaciyemwo igipolisi kandi ko bitazosubira.
Kuri uyu wa kabiri, ku ncuro ya gatanu, abapolisi ntavyotsi bikoroza amosozi bateye abamenyeshamakuru ariko babazibiye bababuza kurengana.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
24 Nyakanga 2016, 09:03, par SAMUEL
INYO MYIFATO SI NZIZA
24 Nyakanga 2016, 09:08, par SAMUEL
INYO MYIFATO SI NZIZA YA BAPORISI BARIKUBAREKA BAGASHIKIRIZA ICIYUMVIRO CAB