IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bo mu muryango wa Afurika y’ubuseruko barahawe (...)

Abamenyeshamakuru bo mu muryango wa Afurika y’ubuseruko barahawe inyigisho

vendredi 15 Munyonyo 2013

Abamenyeshamakuru bo mu bihugu bitanu bigize umuryango wa Afurika y’ubuseruko bari bamaze iminsi mu gihugu c’Uburundi mu nyigisho hamwe n’inama idasanzwe ku mahoro n’umutekano mu karere ka Afurika y’Ubuseruko bararonkejwe impapuro z’umutsindo ku mugoroba wo ku munsi w’ejo kuwa kane.

Abo bamenyeshamakuru batanu bo mu Burundi, batatu bo muri Uganda, batanu Tanzaniya, bane bo mu Rwanda hamwe na batanu bo muri Kenya baronkejwe inyigisho barashima kuko bamenyesha ko zizobagirira akamaro cane mu gutohoza n’ugutunganya amakuru ashobora kugirira akamaro umuryango wa Afurika y’ubuseruko.

Nk’uko twabimenyeshejwe na bamwe muri abo bamenyeshamakuru baronkejwe inyigisho, ubu bagiye kwitaho amakuru yubaka umuryango. Kubwa Florine Mukeshimana, umumenyeshamakuru wo mu Burundi yakurikiranye izo nyigisho, amakuru atangwa n’abamenyeshamakuru bo mu muryango yotegerezwa kugira intumbero, uwuriko arayatanga akabanza kwiyumvira namba adashobora gusambura umuryango kandi ihangiro ryari iryo kuwubaka, abanyagihugu bawo bakaba bamwe.

JPEG - 41.5 ko
Florine Mukeshimana, umwe mu bamenyeshamakuru baronkejwe inyigisho

Umushikiranganji Léontine Nzeyimana ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afurika y’ubuseruko yasavye abo bamenyeshamakuru gufata umuryango nk’uko ari igihugu kimwe, bose bakorere hamwe mu kuwuteza imbere.

JPEG - 42.1 ko
Umushikiranganji Léontine Nzeyimana

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.