IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abamenyeshamakuru bo muri Oman baje kwirabira ibikorwa vy’umukuru w’igihugu (...)

Abamenyeshamakuru bo muri Oman baje kwirabira ibikorwa vy’umukuru w’igihugu mw’iterambere

dimanche 19 Rusama 2013

Mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kuri uyu wa gatangatu vyabereye muri zone Mpanda, comine Mpanda, intara ya Bubanza, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Petero Nkurunziza yari kumwe n’abamenyeshamakuru bo ku mboneshakure yo mu gihugu ca Oman, baje kwirabira ingene umukuru w’igihugu n’abanyagihugu bakora ibikorwa vy’iterambere, aho bariko bubaka ishure shingiro ryo mu Kibambwe.

Mohamed Bin Rashid Bin Khamis Al-Tobi, umwe mu barongozi b’iyo mboneshakure «Oman TV » yamenyesheje ko ari ivyo gukenguruka kubona umukuru w’igihugu ariko arakora ibikorwa vy’iterambere, kumwe n’abanyagihugu arongoye. Yashikirije ko bitangaje kwumva ko amasomero n’amavuriro birenga ibihumbi bibiri n’amajana atanu(2500) arivyo bimaze kwubakwa.

Yabandanije amenyesha ko yashoboye kwibonera ko abanyagihugu baba mu Burundi baturuka mu gihugu Oman babayeho mu mutekano, ivyo bikagaragaza ko umubano n’imigenderanire imaze igihe kitari gito hagati y’ivyo bihugu vyompi ari myiza.

Kubwa Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, mu kiyago yagiranye n’abo bamenyeshamakuru bo mu gihugu ca Oman, yashikirije ati : «Abanyagihugu bo muri Oman baba mu Burundi babayeho nk’abandi barundi bose »

Iyo mboneshakure yo mu gihugu ca Oman yarungitse abo bamenyeshamakuru mu Burundi kugira birabire ivyaranguwe mu bikorwa vyíterambere mu gihugu nk’ukwubaka amasomero, ibitaro n’amavuriro, ibibuga vy’inkino, ibiro ; vyinshi muri ivyo bikaba vyubatswe mu nteguro zo guhimbaza yubire y’umwakaka y’imyaka mirongo itanu igihugu kimaze cikukiye.

Nyenicubahiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabandanirije ibikorwa muri zone Muzinda yo muri komine Rugazi, aho ari kumwe n’abanyagihugu bari mu bikorwa vyo kwubaka ishure ry’abigenga ryitiriwe umweranda Henri


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.