IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abana bafatiwe ku ngoro ya MSD basabiwe umunyororo w’imyaka cumi

Abana bafatiwe ku ngoro ya MSD basabiwe umunyororo w’imyaka cumi

jeudi 20 Ntwarante 2014

Urubanza rw’abana batarakwiza imyaka cumi n’umunani bagirizwa ko bafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo rwarumvirijwe ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Umushikirizamanza yaserukiye Reta muri urwo rubanza yabasabiye umunyororo w’imyaka cumi abagiriza icaha c’ukugumuka.

Mu ntahe yo ku munsi wa kabiri, igihe sentare yashaka kuburanisha abantu 70 bafatiwe ku ngoro y’umugambwe MSD mu Kinindo mu migumuko yabaye hagati y’urwaruka rwa MSD n’abaporisi, abashingwamanza bari basavye ko batatu muri abo bafashwe batarakwiza imyaka cumi n’umunani batoburanishirizwa hamwe n’abakuze, ari naco gituma sentare rubamba yaciye yungururiza urubanza rw’abo batatu, irushira bukeye ku munsi wa gatatu. Baciye baburanishwa ku munsi w’ejo na sentare nkuru ya Mairie ya Bujumbura, mu gisata cayo kijejwe abana batarakwiza imyaka cumi n’umunani.

Umushikirizamanza yaserukiye Reta muri urwo rubanza, yasabiye abo bana batarakwiza imyaka cumi n’umunani gupfungwa imyaka cumi. Uwo mushikirizamanza yabagirije icaha c’ukugumuka, hamwe n’ugufatirwa ku ngoro y’umugambwe MSD ahariko habera imigumuko. Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero. Mu kurindira ingingo sentare izofata kuri abo bana batarakwiza imyaka cumi n’umunani, baciye baba barabasubiza mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho bapfungiwe kuva bagifatwa.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.