Accueil > Amagara y’abantu > Abana bari mu ba mbere bahitanwa n’indwara ya Ebola
Abana bari mu ba mbere bahitanwa n’indwara ya Ebola
jeudi 26 Ntwarante 2015, par
Indwara ya Ebola irica abana gusumvya iyindi mice y’abantu, nk’uko bivugwa n’abahinga bakoze ubushakashatsi ku bana bafise imyaka iri munsi y’imyaka 16 mu bihugu vya Guinée, Liberia,na Sierra Leone.
Ico cigwa cakozwe n’abo bahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu kw’isi OMS, n’ubwo ibice vy’abandura biri munsi cane ariko rero inzoya zandura iyo ndwara ziba zifise amahirwe make cane yo gushobora kubaho.
Abo bahinga basanze uwo mugera w’indwara ya Ebola umaze kwica abana bonka bagera ku bice 90 kw’ijana hamwe n’ibindi bice 80 kw’ijana vy’abana bari hagati y’umwaka umwe n’imyaka ine.
Hejuru y’imyaka icumi akaba ariho umwana ashobora kudahitanwa n’iyo ndwara. Uwo mugera nyene w’indwara ya Ebola umaze kwica ibice 52 vy’abana bafise imyaka iri hagati ya 10 na 15.
Hafi naho abana bashika 4000 bafise imyaka iri munsi y’imyaka 16, baramaze gufatwa n’iyo ndwara ya Ebola, kuva ico kiza giteye muri ivyo bihugu.
Floxella Karire