Accueil > Amakuru > umutekano > Abana batari bake bahunga bonyene
Abana batari bake bahunga bonyene
mardi 9 Ruheshi 2015
Ishirahamwe ry’abagiraneza ryita ku bana, Save the Children, rivuga ko abana barenga ibihumbi bibiri batari kumwe n’abavyeyi bamaze guhunga Uburundi.
Abo bana nk’uko aya makuru tuyakesha iradiyo y’abongereza BBC, ni abahunze kuva aho hatanguriye ibibazo vya poritike mu Burundi. Save the Children ivuga ko benshi muri bo bamaze indwi bagenda, benshi bagenda n’amaguru, baja mu bihugu bibanyi vy’Urwanda, Tanzania, na Republika iharanira demokrasi ya Kongo. Umuvugizi wa Save the Children yavuze ko benshi bashitse mu nkambi z’impunzi ata birato bambaye, ata n’ikintu bafise kiretse impuzu bari bambaye.
Intureka zatanguye mu bice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura na hamwe hamwe hagati mu gihugu, kuva aho umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ugeneye Petero Nkurunziza kugira aze awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu.
Aristide Nizigire
Messages
9 Ruheshi 2015, 10:45, par Nzobenda Bapfe.
Nn Boba Babikr Guki Kubon Bahungarabana?
9 Ruheshi 2015, 13:52, par Nkwavu Venant
Kwandika ibiteyisoni sivyiza.iryo nizina ryumuntu?abo bana nabo nibihungire kuko icuka siciza muburundi
9 Ruheshi 2015, 14:04, par NDAYI
MANA TABARA UBURUNDI