IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi bapolisi bazorungikwa mu makungu

Abandi bapolisi bazorungikwa mu makungu

lundi 15 Ndamukiza 2013

Abapolisi bagera ku majana atanu bakoze ikibazo co gihiganirwa kuja guhagararira amahoro mu makungu.

Ico kibazo cabereye mu kigo ca kaminuza ya gisirikare Iscam, cari kigizwe n’ubumenyi mu ndimi (igifaransa n’icongereza), ubumenyi mu gutwara imodoka hamwe n’imyimenyerezo mu kurasa.

Nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi c’Uburundi, BIZIMANA Godefroid, abakoze ivyo bibazo ntibazorungikwa bose guhagararira amahoro mu makungu kubera bizovana n’ibibanza bizoba vyategekanijwe mu bihugu bikeneye izo nteko.

Twobamenyesha ko abapolisi barenga ijana aribo bamaze kurungikwa guhagararira amahoro mu bihugu vya Haïti, Côte d’ivoire hamwe n’i Darfour. Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi amenyesha ko ata nkunzi ija mu gutora abaserukira igihugu, ariko ko baraba nyabuna ubuhinga n’ubumenyi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.