Accueil > Amakuru > Poritike > Amerika yafatiye ibihano abandi Barundi batatu
Amerika yafatiye ibihano abandi Barundi batatu
vendredi 3 Ruheshi 2016, par
Reta zunze ubumwe z’Amerika zafatiye ibihano muvy’ubutunzi abandi barundi batatu.
Babiri ni abo mu nzego za gisirikare, uwugira gatatu ari mu barwanya Reta y’Uburundi.
Marius Ngendabanka, ari mu begereye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, akaba arongoye akarere ka mbere ka gisirikare. Yagirizwa kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu, mu gisagara ca Bujumbura.
Ivyo bihano vyafatiwe kandi Ignace Sibomana, wo mu nzego z’umutekano z’Uburundi, umwe mu ndongozi z’umuhari w’imbonerakure, urwaruka rukomoka ku mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi.
Nawe nyene muvyo yagirizwa harimwo kuba mubagize uruhara mu bikorwa vyo guhiga abo bose bari bateye kubiri n’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu mu gisagara ca Bujumbura.
Uwugira gatatu ni Edouard Nshimirimana, yahoze mu gisirikare c’Uburundi, Niwe arongoye umuhari FOREBU wafashe ibirwanisho kugira urwanye Reta y’Uburundi. Uwo muhari wagirizwa gukora ibitero ku makambi ya gisirikare i Bujumbura, mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015.
Abo barundi uko ari batatu bafatiwe amatunga yabo bafitiye muri Amerika, ndetse n’amatunga yabo agenzurwa n’abanyamerika arahagaritswe. Abanyamerika barabujijwe kandi kugiranira igikorwa icarico cose n’abo bantu, mu bijanye n’ubutunzi.
- Adam Szubin, ayoboye ibiro vy’Amerika bigenzura ubutunzi bw’abanyamahanga.
IGIHE
Messages
3 Ruheshi 2016, 09:14, par Kabango
Hasigaye Nkurunziza, umunsi nawe azafatigwa ibihano nibwo uburundi buzabona amahoro.
3 Ruheshi 2016, 09:40, par tari
None amerika kuki iguma ifatira ibihano batobato gusa kuki idahera kuri nkurunziza kandi ariwe izingorane zose zavuyeko ikindi kuguma bavuga ngo barafashe ibihano jewe mbona atakintu kinini bifasha kuko ivyobinywamaraso birongowe na nkurunziza birimubanyagihugu kandi ivyobihano ntibabuza kubandanya bica abantu jewe icombona nuko america yorungika inteko zoza gukingira abanyagihugu noguta mumvuto abobicanyi nkibazako bamwe muribo nayomatungo avurwa atayo bigirira muri America ikindi jewe mbonako abafashe ibirwanisho kugira barwanire iteka ryabo atakamaro kokubafatira ibihano kuko umunyamafuti ni nkurunziza wewe yasuzuguye abarundi namakungu mukwihagira kungumvu ikiringo 3 kandi bitemewe na masezerano yarusha nibwirizwa shingiro none abarundi bariko baricwa na nkurunziza nibatitabara bazotabarwa nande ko mbona nya America birirwa baratwica yirorera
3 Ruheshi 2016, 09:49, par Signorina
Hewe Kabango, Uburundi nibwo abarundi, nigorane bufise zizoronderwa umuti na Barundi bonyene nta munyahanga azovyijiranamwo adashaka kuhasinga agatwe.
Urakubura wishinge ivyi igihugu cawe Urwanda murabe ingene ingorane c´urwanda namwebwe abanyarwanda mwozivamwo hakwishinga ivyi Burundi kuko n´igihugu gifise beneco.
3 Ruheshi 2016, 12:07, par Peace
Aboba Americain barasara!!!None ayomatungo yabobagabo ntiboca Bayafashisha Abanyagihugu bimererewe nabi?Erega Kuyafata Bingana kuyababikira kandi urumva abobabujije amahoro ntacovyobabibamariye
3 Ruheshi 2016, 12:47, par walas
eka nubu sindavyumva kuko ntabonamw Sinduhije na Pacifike
3 Ruheshi 2016, 14:35, par CHILD OF JESUS
HA!!!BIRAME NDORE.
3 Ruheshi 2016, 16:27, par Schwarzenegger
Abonyereza nabo bakajije umurengo basabako bova muciswe ubumwe bwa Bulaya murivyishi bitumabashaka kubuvamwo ubunaho vyunyuwe nokuguma bubona hafatirwa ibihano uburundi birabubabaza cane, numungere mukuru wa kreziya yaba Anglicana arababazwa cane nifatirwa ryibihano ryakorewe uburundi.
3 Ruheshi 2016, 18:57, par Maitre
Haha,birasubiriy?mbe abo bo ko batavugwa?zar inryanyi mur secret?nibaz barahana nakare ivyo bafitiy mur amerika ni ivyo bivye abarundi bagowe
4 Ruheshi 2016, 07:50, par MUTAMA
WOBA MUNZEGO Z’UMUTEKANO HAMA UKAB’IMBONERAKURE?CANKE NUKO ARI ABAHUTU?AMERIKA UHENGAMIYE KUBATUTSI.
4 Ruheshi 2016, 08:29, par NEYMAR JUNUA
MBE WEWIYITA KAGABO NDAKUBAZE"MBEGA IGIHE MUTAMAYIGA AMASHURE WARURIHO CANKE MWARIGANYE"Tais-toi
4 Ruheshi 2016, 13:38, par fabien
abarundibakwiyekurabako.AbazungubabahendakukoivyoBirementanyaAbarundi.Batayeakarangakuburundi
4 Ruheshi 2016, 14:49, par K
at Kagabo, wobuzi inyuma yogufatira ibihano vyakarenganyo Ndadaye ivyakurikiye?
Wobuzi inyuma yogufatira ibihano vyakarenganyo Habyarimana wu Rwanda ivyakurikiye?
Wobuzi inyuma yogufatira ibihano Ghadafi waribiya ivyakurikiye? Nahandi ntavuze nka Sadamu Hussein wa Irac?
4 Ruheshi 2016, 15:06, par JEAN CLAUDE
ABOBATWARE BA USA,BIRAGARAGARANEZA KO BAFISE AHO BAHENGAMIYE.MBE AMERIKA NIYO IGABA ISI?TUZIKUKIRA RYARI?
5 Ruheshi 2016, 20:10, par GEZAHO
Abo bagumutsi twarabahinyuye,yaba iyo America ataco yubaha iguma ishaka gucanishamwo abahutu na batutsi kubera amabwire babwigwa nabo ba pacifique na bandi ntiriwe ndadondagura,bazotangara igihe ivyo basabiye abarundi bitabaye,kuko abarundi twaraciye ubwenge,ntagupfa gusimbira kuwo mudasangiye ubwoko ngu dutemagurane,kuko amase yakera ntagihoma urutaro.ico kwubaha,numukuru wigihugu wacu twitoreye.aha ntimuzokoreko,mudashaka guhona mwese.
8 Ruheshi 2016, 08:53, par delano roosevelt nathanael
abo bobo barababonera!ko batarayafatira buyoya na nkurunziza?
8 Ruheshi 2016, 18:37, par IUJ
HJBNLJN
17 Ruheshi 2016, 17:10, par egide
uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro
17 Ruheshi 2016, 17:11, par egide
uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro
17 Ruheshi 2016, 17:12, par egide
uwo wita umwansi wawe abuze amahoro ntuca uyaronka uwo wita umukunzi wawe ahimbawe nawe ntuca si iminsi yose uba uhimbawe.Yezu wenyene niwe atanga amahoro
18 Ruheshi 2016, 06:23, par Désiré
Ubucumbiwe Umworo Buvugizwa Induru Mbega Buyoya Kobatamufatira Ibihano? Abashatse Gutembagaza Ubutegetsi Kataco Babavugako?
18 Ruheshi 2016, 06:36, par Désiré
Ivyovyose Tubiragije Imana Niyo Izoza Kuducira Urubanza.
19 Ruheshi 2016, 10:12, par D’Amour
Mbega abo banyamerika bazogeza ryari gutobanga Africa? Tari ngira ndakubaze: NKURUNZIZA ubundi uramuzi? wari bwamubone k’umurango w’inzu yiwanyu ko numva wamwibasiye ngo niwe izo ngorane zose ziturukako? mbega kuki utavuga abashatse gutembagaza intwaro zitorewe n’abenegihugu! Tuje twubaha uburongozi kuko ntaburongozi butava ku MANA. Mbe wubaha Imana wewe? Ukaba uyubaha ubaha kandi usonere abo yashinze imirimo. kuki itashizeko weho? Nongere ndabasabe barundi Barundikazi, twoye guta umunwa tuvuga ayamuhe ngo Nyenecubahiro niwe akwega izi ngorane ahubwo dushimire Imana yo yamuduhaye kuko iyo atahaba igihugu c’uburundi ubu kiba gitwara na KAGAME na SEZIBERA wari Secrétaire Général wa EAC, ahubwo tumukomere amashi kandi twiyamiriye abo banyamerika bashaka gutobanga igihugu cacu. Imana ihezagire abarundi n’uburundi.
26 Ruheshi 2016, 22:47, par HUNGU
EMWENANKURUNZIYARIKWIYEIBIHANOCANGWEAKAJANWAIRAHE.