Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abandi basirikare b’Uburundi biteguriye kurungikwa muri Somaliya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi basirikare b’Uburundi biteguriye kurungikwa muri Somaliya

Abandi basirikare b’Uburundi biteguriye kurungikwa muri Somaliya

dimanche 16 Ruheshi 2013

Bataillon igira iya 22 yo mu gisirikare c’Uburundi yarahejeje ivyigwa yahoramwo vyo mu mugambi ACOTA ufashwe mu mugongo na Leta zunze ubumwe za Amerika. Izo ngabo zikaba ziteguriye kuja mu gihugu ca Somaliya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro.

Uwuserukira igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, Dawn Liberi yarakeje abo basirikare bo muri bataillon ya 22 y’igisirikare c’Uburundi igizwe n’abasirikare 850 bahejeje inyigisho zamaze amezi abiri zibategura kuja i Mogadiscio mu bikorwa vya Amisom.

Nk’uko tubikura mu tangazo ryashizwe ahabona n’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi, izo nyigisho ziri mu mugambi ACOTA ( African Contingency Operations Training and Assistance) ufashwe mu mugongo n’ubuserukizi bwa Leta zunze ubumwe mu Burundi, ukaba ujejwe guha ubumenyi ibihugu vyo muri Afrika vyitegurira kuja mu bikorwa vyo guhagararira amahoro mu bihugu bikiri mu ndyane, ibihugu 25 harimwo n’Uburundi bikaba arivyo biri muri uwo mugambi.


Egide Nduwimana

Messages

  • nivyizacane kubona iguhugucacu gifisintegonziza yugufasha ibindibihugu mugwego gwokugarura amahoro mubindibibihugu numurimudasazwe ariko bakomereze ahonyene bakoramukuri imana izabahezagira kubwicugikogwaciza kandi niyompanvu imana izabahafi yigihugucacu nabobasirikare imana ibiteho

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.