Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abansi ba Bresil baguma batemberana ikintu kimeze nka Neymar yavunitse (...)
Abansi ba Bresil baguma batemberana ikintu kimeze nka Neymar yavunitse umugongo
mardi 8 Mukakaro 2014
Inkino z’igikombe c’isi yose ziriko zibera mu gihugu ca Bresil zigeze mu gice ca kane gishira ica nyuma, mu bihugu 32 vyari mu mahiganwa hasigaye ibihugu 4. Urukino rwa mbere rwo muri ico gice, ruhuza igihugu ca Bresil n’Ubudagi, abahinga batanga amahirwe make ku gihugu ca Bresil.
- Neymar atwawe kwa muganga
Igihugu ca Bresil gihabwa amahigwe make mu rukino rugihuza n’Ubudagi. Ivyo bivugwa kuko hari abakinyi kirumara mu murwi nserukira gihugu bataja muri urwo rukino. Aha bavuga umusatirizi Neymar Junior yavunitse uruti rw’umugongo. Benshi bari biteze ico umuganga ariko aramukwirikirana atangaza. Uwo nawe ejo yamenyesheje ko Neymar atazosubira mu kibuga vuba. Ni umubabaro mwinshi cane ku gihugu ca Bresil no ku bakunzi biwe. Si ivyo gusa, na kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Bresil Thiago Silva ntakina urwo rukino.
Mu gihe muri Bresil basa n’abatizeye intsinzi mu rukino rwo kuri uwu wa kabiri, umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi, avuga ko ahubwo bohagabira ntibijajare ngo ni uko Neymar na Thiago batarimwo, ahubwo bakongereza inguvu.
Aho muri Bresil abadasha ko Bresil ibandanya bamaze iminsi batemberana mu mabarabara ikintu kimeze nk’uruti rw’umugongo ruvunitse bisigura Neymar, ivyo bagaheza bikababaza abakunzi ba Bresil bamwe bakanakorora amosozi.
- Abansi b’umurwi nserukira gihugu wa Bresil bafise ikintu kimeze nka Neymar
Cherif Nkeshimana