Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu 14 bahitanwe n’igisasu caturikiye i Baghdad
Abantu 14 bahitanwe n’igisasu caturikiye i Baghdad
dimanche 24 Mukakaro 2016
Abajejwe umutekano hamwe n’abaganga bavuga ko abantu cumi na bane bishwe abandi barenga mirongo ibiri barakomereka igihe haturika igisasu i Baghdad muri Irake.
Umwiyahuzi yaturikirije ico gisasu mu kibanza abajejwe umutekano basaka abinjira mu musigiti mukuru w’Abashia, mu karere ka Kadhimiyah.
Abajejwe umutekano baciye bongerezwa, barakaza kandi kurereka abarengana mu bindi bice vy’umurwa mukuru Baghdad, nk’uko tubikesha BBC.
Nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero.
IGIHE
Messages
24 Mukakaro 2016, 12:48, par Guha
Aho Sha Ntimwaza Kudutabara Nkurumbira
24 Mukakaro 2016, 15:02, par Scotty WERA
Wapi man ntiwozimya umuriro kunzu y’umubanyi kandi rwawe iriko irasha nicogihe reka baze barategura 3eme guerre mondiale kandi birasha biraza ,,,,,
24 Mukakaro 2016, 19:31, par khaki
Nihatari kweli turagowe kubona atamusi rirenga hadapfuye n’umuntu