Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bagera kuri 26 bapfiriye mu giteramo kirangiza amapfungo y’aba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abantu bagera kuri 26 bapfiriye mu giteramo kirangiza amapfungo y’aba (...)

Abantu bagera kuri 26 bapfiriye mu giteramo kirangiza amapfungo y’aba Islam

mercredi 30 Mukakaro 2014

Igiteramo co kwigina umunsi mukuru wa Aid El -Fitr mu gihugu ca Guinee cahitanye abantu 26 abandi barakomereka. Reta y’ico gihugu yashizeho ikigandaro c’indwi yose co kwibuka abapfuye. Umwe mu bajejwe gutegura ibiteramo yaciye ahagarikwa mu mabanga yiwe.

Ku mugoroba w’igenekerezo rya 29 Mukakaro, igihe abanyagihugu isinzi bo mu gisagara ca Taouyah bari ku musenyi (plage), ahitwa Rogbane mu giteramo co kwigina umunsi urangiza ukwezi kw’amapfungo kuba Islam, abagera kuri 26 barapfuye abandi bashika 10 barakomereka. Abapfuye bahitanywe n’umusunikano, guhonyorana, kubura impwemu bivuye ku bwinshi bw’abantu bari bitavye ico giteramo. Igiteramo c’umurwi witwa "Instinct Killers" ukundwa cane muri ico gihugu witabwa n’abantu benshi.

Reta y’igihugu ca Guinee yaciye ishiraho indwi yose y’ikigandaro, uwujejwe gutunganya ibiteramo yaciye akurwa mu mabanga yiwe, ahahora habera ibiteramo ku nkengera z’ikiyaga harugarwa.

Mwomenya ko kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2013, abandi bantu bapfuye muri ico gihugu bahitanywe n’ubwinshi bw’abari mu giteramo nyene.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.