Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bakomeretse mw’isanganya ry’imiduga ryabereye mu gisagara ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abantu bakomeretse mw’isanganya ry’imiduga ryabereye mu gisagara ca (...)

Abantu bakomeretse mw’isanganya ry’imiduga ryabereye mu gisagara ca Bujumbura

jeudi 29 Rusama 2014

Abantu batatu nibo bakomeretse, babiri muri bo barakomereka cane n’ibindi vyahononekariye, mw’isanganya ry’imiduga ibiri ryabereye mu gisagara ca Bujumbura kw’ibarabara avenue du commerce.

Hari nk’igihe c’isaha zitanu zibura nk’iminota cumi, zo mu gitondo co kuri uyu wa kane igenekerezo rya 29 Rusama 2014, aho imodoka zibiri zasekana hagaca hakomereka ubwo nyene abantu batatu n’ibindi vyahononekariye. Naho abajejwe umutekano bari aho habereye isanganya batashimye kugira ico babivuzeko, abari aho biboneye uko vyagenze, bavuze ko izo modoka zibiri zasekaniye hagati mw’ibarabara hafi y’inyubakwa yo gusomeramwo ibitabu y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU (Centre d’information des Nations Unies).

Izo modoka, imwe yari mu bwoko bwa Spacio iyindi mu bwoko bwa Hilux (Double cabine). Nk’uko vyashikirijwe n’umwe muri aho igihe ikinyamakuru IGIHE cahashika, imodoka yari mu bwoko bwa Spacio, yari ije iva kw’ibarabara rija ku nyubakwa ya Leo, yazananye umuvuduko mwinshi, mu gihe iyari mu bwoko bwa Hilux yo yari izananye ibarabara rya Chaussee Prince Louis Rwagasore yari mu muvuduko usanzwe. Bikaboneka ko iyo Spacio ariyo yari mw’ikosa, kuko yarenze amategeko y’ibarabara mu kugendera mu muvuduko utarekuwe mu mahwane y’ibarabara. Niko guca iseka Hilux yari mu burenganzira bwayo bwo kubandanya (Priorite), iyo nayo ica ija guseka inyubakwa ya BTC , irabana n’inyubakwa yo gusomeramwo ibitabu ya Nations Unies. Imiryango, uruhome rw’umuryango n’ibiyo bikaba vyahononekariye.

Umudereva wa Spacio yagonze, Imana yakinze ntaco yabaye kinini ariko akaba yakomeretse ku maguru. Yakingiwe n’umugozi ukinga impanuka yari yambaye (Ceinture de securite). Bruce Sindahera, umudereva wa Hilux yagonzwe, avuga ko mu muduga iwe, hakomeretse cane abantu babiri bari bicaye inyuma y’umuduga bacunze amakaziye y’inzoga bari bavuye kurangura. Mu makaziye ashika kuri 40, akaba atanimwe yasigaye, kuko inzoga zose zamenetse.

Mwomenya ko abo bakomeretse cane, bazwi kw’izina rya Jean Claude na Bukuru bakaba baciye bajanwa kuvurwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Regent Karori.


Mariella Bukuru

Messages

  • Imana ishimwe ko atawahasize ubuzima, kandi twizere ko nabo bakomeretse bazokira vuba. Nagomba nkebure abarundi benewacu bagendesha imiduga kwama bambaye ceinture de securite. Birambabaza kubona ko benshi muri bo atayo bamabara kandi n’aba polisi ntaco bikibabwiye! Hama iryo barabara ntabwo ari Ch. P.L Rwagasore kuko yoyo ica hariya imbere ya Regideso na IFB (ex-CCF). Munyamakuru, kosora iryo kosa. Imana izigame uburundi n’ababubamwo bose.

  • - Abantu barakwiye kwiyubara kuko ama accidents menshi aterwa na EXCES DE VITESSE , kandi nukwambara ceinture de sécurite kuko nico bayikoreye
    - Ariko munyamakuru aho watubwiye siko hitwa kosora iryo kosa kuko iyo si chausse du PRINCE LOUIS RWAGASORE.
    - Ikindi turagusavye ntusubire kuza ura AFFICHANT ama adresse mail yacu sinon ntaciyumviro tuzosubira gutanga muzosanga mwandika ivyo abantu badasoma, kandi ndibaza dans la deonthologie ko bitemewe.

  • Accident nimbikabisa kandi ntamuhinga wokubuza gisida, ivyononekaye vyononekeye ntibikigaruka ariko Imana ishimwe kwatawahasize ubuzima nzokomeza kwiyuvamwo amahoro kurusha ahonzokwumvira abobakomeretse bakizebose kandi Imana irababona twishiremwo kwihamahoro nokwizera. Ariko nkuko uwanditsengaha yitwa Jean yabivuze abarikobaragendera mumodoka bitwararike kwambara uryamusipi womumodoka yabiriko iragenda cane canke bukebuke.

  • isanganya rirababaje kandi ntamuhinga waryo, ariko abagendesha imiduga mwibuke ko mugisagara atawurenza 60km/h kandi n itegeko. Hama igikuru suko ari itegeko igihambaye n’ugukingira ubuzima bwawe (umushoferi) n ubwabo muhura.
    Kubanditsi b IGIHE gerageza mukosore kuko isanganya ryabereye kuri AV du commerce, mubeshe ibarabara biragora kubona canke kumenya aho hantu kuko inkuru iba ihindutse. Merci pour la correction .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.