Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Makamba : Abagabo bariko baja i Tanzaniya bafashwe bagirwa kuja mu mihari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Abagabo bariko baja i Tanzaniya bafashwe bagirwa kuja mu mihari (...)

Makamba : Abagabo bariko baja i Tanzaniya bafashwe bagirwa kuja mu mihari y’inkozi z’ikibi

mercredi 21 Nzero 2015

Abantu bamaze iminsi bariko baraca ku mbibe Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya mu mpisho, bafatwa nk’abariko baja mu mihari y’inkozi z’ikibi, mu gihe bo bavuga ko baja guca ingero.

Mu ntara ya Makamba 22 nibo bafashwe bageze muri komine ya Kibago, mu gihe 10 nabo bafatiwe muri komine ya Nyanza Lac, bariko baraja bose mu gihugu ca Tanzaniya. Abo bafashwe bamwe bavuga ko bagiye guca ingero, abandi bakavuga ko bariko baja kwishuza amafaranga yabo aho bagiye gupagasa muri ico gihugu. Mu ntwaro muri iyo ntara, bakavuga ko ahubwo abo bariko bajabuka baja mu gihugu ca Tanzaniya, atawokwemeza ko baja guca ingero, ahubwo bakavuga ko bariko barabagirako amatohoza, kugira ntibahave basanga boba bariko baja mu mirwi y’ubukozi bw’ikibi, narirya abo bafatwa usanga ari abagabo gusa.

Mukamenya ko no mu ntara ya Muyinga baheruka gufata abantu bariko barajabuka baja i Tanzaniya, aho bamwe bari bafise amasuka, abandi nabo ataco bafise, ariko abafashwe bose bakavuga ko bariko baja guca ingero. Abafashwe bamwe bava mu ntara za Karuzi, Gitega na Muyinga.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.