Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abantu bikwega mu buzima boba bafise amahirwe make yo kuramba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abantu bikwega mu buzima boba bafise amahirwe make yo kuramba

Abantu bikwega mu buzima boba bafise amahirwe make yo kuramba

dimanche 11 Rusama 2014

Nk’uko bivurwa n’abashakashatsi b’abongereza mu matohoza bakoze, ukungene umuntu ashobora kwikwega mu gukora ikintu mu buzima, bishobora kwerekana ikiringo yoba asigaje kubaho (esperance de vie).

Abantu bikwega cane canke bukebuke bakaba bashobora gupfa bakiri bato kugeza ku bice birenga 25 kw’ijana, ugerenanije n’abantu banyaruka mu buzima. Ku bikoko, ukutagendagenda,ukudahiga canke ukutarangura amabanga mpuzabitsina, nivyo bituma bipfa kare.
Abo bashakashatsi bo kuri kaminuza y’i Edinbourg mu gihugu c’Ubwongereza, bavuga ko ukwikwega ku bantu, vyoba bisigura kandi: ukugira ubuzima bugufi. Amatohoza kuri ico cirwa, akaba yakozwe ku bantu bagera ku 5134 bari hagati y’imyaka 20 na 59 y’amavuka.

Mu myaka 15 abo bantu bamaze bakurikiranwa, abagera ku 378 bari mu murwi aho ibice 7,4 kw’ijana bari bamaze gupfa. Abagize ico cirwa, basanze abantu bishuye canke bakoze bikwega cane ku bibazo (test) bari bakoze, abarenga ibice 25 kw’ijana bari mu murwi w’abageramiwe n’ugupfa bakiri bato, co kimwe n’abishuye bikwega bukebuke aho abagera ku bice 36 kw’ijana aribo bari bageramiwe n’urupfu.

Kubwa muganga Gareth Hagger-Johnson yatanguje ico cirwa, umwanya umuntu afata mu kwishura canke mu gukora ikintu yikwega cane canke bukebuke, vyoba biva ku bwonko buba buriko burasubira inyuma cane kurusha ibindi bihimba vy’umubiri.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.