Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu mu gisabisho ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Abakristo > Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu mu gisabisho ca (...)

Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu mu gisabisho ca Noel

jeudi 26 Kigarama 2013

Abanyacubahiro batandukanye bifatanije n’abakirisu bo mu Paruwase atandukanye yo mu gihugu mu guhimbaza umunsi mukuru wa Noel abemera Kristu, bariko barigina ivuka rya Yesu Kristu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yifadikanije n’abakirisu bo mw’ishengero ry’aba anglikani b’i Buye, komine Mwumba intara ya Ngozi, kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 kigarama 2013. Mw’ijambo ry’Imana ryasomwe kuri uwo munsi, musenyeri wa Diyoseze ya Buye yasavye abakirisu gukurikiza akarorero keza nk’uko Yesu yababereye akarorero.Yasavye abakirisu baraho kwiyubara na cane cane muri kino gihe hegereje amatora yo mu 2015.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri nawe yari yifadikanije n’abakirisu bo muri paruwase Buhonga, Diyoseze nkuru ya Bujumbura. Umupatiri w’iyo paruwase akaba yamenyesheje ko umunsi mukuru wa Noweri wibutsa ivuka ry’umukiza Yezu Kristu ku bakirisu bose bo kw’isi. Ni akaryo rero ko guhimbaza cane no kunezerwa ariko ko vyari bikwiye ko uwo munezezero woshika no kunywana.

Ku bwa Gerevasi Rufyikiri ice gera ca kabiri c’umukuru w’igihugu nawe, yahamagariye abakirisu bo mu Buhonga kubumbatira amahoro hamwe no kwitabira cane ibikorwa vy’iterambere, mu ntumbero yo guteza imbere igihugu n’abakibamwo.


Floxella Karire

Messages

  • Kugendera benegihugu, ni igikorwa ciza abategetsi bose bari bakwiye kwijukira. Kibi ni uko benegihugu bibukwa hageze gus’amatora. Nizere ko Nkurunziza na Rufyikira batagiye kumen’amatwi y’abanyagihugu mu kubabwir’amajambo ya politique. Ibisabisho n’ijambo ry’Uhoraho, biratandukanye n’ububeshi. Ndetse CNDD-FDD, none abandi barongozi b’Imigambwe, boba bibutse kuja iyo baturuka bifatanye n’imiryango n’abagenzi babo guhimbaza iyi minsi mikuru ya Noel na Bonne Annee? Ni ataba ari uko, ngire nti babibujijwe n’umutekano wabo muke? Nizere basi ko baserukiwe

  • Ni uguhuma amaso amakungu!Inyuma ni Intama ariko imbere ni Amabingira y’inkazi!

  • Abanyacubahiro simpaka baje iyo bavuka Coldman intara zitavamwo abanyacubahiro nazo zica zirabwa nabande? Gusa bokwiragira mugihugu cose bakifatanya nabanyagihugu guhimbanda iminsi mikuru irangizumwaka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.