Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yemen : Abanyafrika 42 nibo basomye nturi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Yemen : Abanyafrika 42 nibo basomye nturi

Yemen : Abanyafrika 42 nibo basomye nturi

lundi 10 Ntwarante 2014

Impunzi z’abanyafrika 42 nizo zitavye Imana zibanje gusoma nturi ku nkengera z’igihugu ca Yemen. Urwo rupfu rukaba rwavuye ku bwato bwubamye. Ariko 30 mu bari muri ubwo bwato bararokotse, nk’uko vyamenyeshejwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wo mu gihugu ca Yemen.

Ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ntwarante, harabaye isanganya mu ntara yo mu gihugu ca Yemen ahitwa Shabwa. Iryo sanganya ry’ubwato bwibiye rikaba ryahitanye abantu bagera kuri 42, bagizwe n’impunzi z’abanyafrika. Abasanzwe bacungera imbibe b’abanya Yemene batoye ibiziga 42 n’abandi 32 bashoboye gutabarwa, nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi. Muri iryo tangazo nyene, bakaba babandanije bavuga ko bakibandanya barondera ko ata bandi boba barokotse.
Ariko rero muri ubwo bushikiranganji ntibigeze bashiramwo ubwenegihugu bw’izo mpunzi zaguye mu mazi naho amakuru amwe amwe avuga ko boba ari abanyasomaliya hamwe n’abanyetiyopiya.

Nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyo ngaho mu gihugu ca Yemen, ku mwaka ku mwaka hama hari impunzi zishika kw’ijana zitaba Imana ziriko zigerageza kuja muri ico gihugu ca Yemen kuko bagenda mu mato yuzuye gushika no hejuru. Intumbero y’izo mpunzi iba ariyo kugenda muri Yemen ziciye ahitwa Golfe d’Aden hamwe no mu kiyaga gitukura imbere yo gushikira ibihugu vyo mu burayi.

Mu mpera z’umwaka w’2013 rero, abantu barenga 62000 basaba ubuhungiro, harimwo abimukira n’impunzi, akaba aribo bashoboye kwinjira mu gihugu ca Yemen bavuye mu bihugu vyo muri Afrika arivyo Erytrée, Djibouti, Somaliya, Kenya na Ouganda, n’ahandi nk’uko bishikirizwa n’ibiro bikuru bijejwe impunzi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.