Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu b’i Sao Paulo muri Bresil bariko biyamiriza inkino z’igikombe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abanyagihugu b’i Sao Paulo muri Bresil bariko biyamiriza inkino z’igikombe (...)

Abanyagihugu b’i Sao Paulo muri Bresil bariko biyamiriza inkino z’igikombe c’isi

lundi 9 Ruheshi 2014

Yegereyegere y’abatwara abantu n’ibintu mu magari ya moshi irabandanya mu gisagara ca Sao Paulo muri Bresil. Hasigaye iminsi itarenga 3 kugira inkino z’amahiganwa y’igikombe c’isi zitangure muri ico gisagara. Bamwe mu mvukira za Bresil zibona ko ari ukwiteza urubwa mu maso y’amakungu.

JPEG - 25.1 ko
Abanyagihugu biyamiriza FIFA

Abakozi bakora ku magari ya moshi bo mu gisagara ca Sao Paulo muri Bresil bamaze iminsi muri yegereyegere. Abo bavuga ko umushahara ari muto kandi ko Reta yakoresheje amahera menshi mu kwubaka ibibuga vyo kwakira inkino z’isi yose. Sentare y’akazi y’akarere Bresil ihereyemwo, ivuga ko iyo yegereyegere idakwirikije amategeko, niko gushinga ihadabu ry’amahera angana 30.000 vy’amanyaburaya (30.000 euros) azorihwa n’abo bakozi iminsi yose bazoja mw’ibarabara.

Tiago Pereira, umuvugizi w’urunani rw’abo bakozi bagera ku 9.000 avuga ko yegereyegere izohezwa n’ugushaka kw’abarongozi. Iyo ntureka iriko iva ku miriyaridi 11 y’amadorari zakoreshejwe mu kwitegurira inkino z’igikombe c’isi.

Ku biharuro vyakozwe basanze abanyagihugu bagera ku bice 54 kw’ijana ata kamaro babona muri izo nkino, abagera ku bice 65 kw’ijana nabo babona ko hamwe inkino zobuzwa n’umutekano muke, vyoba ari ibiterasoni ku gihugu, kuko bibaza ko bashobora gutwara igikombe c’uno mwaka ku ncuro ya 6.

Mwomenya ko ibihugu nka Uruguay, Costa Rica, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika, Argentine n’Ubufaransa vyamaze gushika i Sao Paulo, ahariko habera ayo mayegereyegere. Urukino rwa mbere ruzohuza Bresil na Croatie.

Raba uko bimeze i Sao Paulo

JPEG - 71.4 ko
Imishamirano hagati y’abanyagihugu n’abapolisi i Sao Paulo
JPEG - 44.5 ko
Amagari ya moshi ntariko arakora

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.