Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abanyagihugu ba Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu
Abanyagihugu ba Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu
dimanche 14 Ruhuhuma 2016, par
Abanyagihugu bo muri Repubulika ya Centrafrika bari mu matora y’umukuru w’igihugu ku ncuro ya kabiri.
Aya matora afatwa nk’intambwe ikomeye yo kugarukana amahoro, amatekano hamwe na Reta ivuye mu matora.
Ayo matora y’umukuru w’igihugu abaye inyuma y’aho abarwanyi barwiriyemwo abo mw’idini rya isiramu bafatiye ubutegetsi mu mwaka w’2013, mu nyuma yahora hagaca haduka uruhagarara rwahitanye ubuzima bw’abantu benshi.
Abahiganwa ni Faustin Touadera yahora ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro ya Francois Bozize kuva mu 2008 gushika mu 2013, hamwe na Anicet Dologuele yahoze muri Reta y’umukuru w’igihugu Ange-Felix Patasse hagati y’umwaka w’1999 gushika mu mwaka w’2001.
Abo biyamamaza bompi bemereye abanyagihugu ko nibatorwa bazogarukana amahoro, umutekano, bongere bateze imbere ubutunzi bwa Centrafrika.
IGIHE
Messages
15 Ruhuhuma 2016, 13:13, par innocent
Vyoba Ari Vyiza Batwawe Nabo Bitorey Yamara Uwuzotsindwa Azashire Ahintahe Ishize Naw Azokwizigirwa Hanyuma Intebe Yumukuru Wigihugu Yama Ari Imwe.