Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Abanyagihugu bahamagarirwa kwitura amashirahamwe yobateza imbere bakava mu (...)
Abanyagihugu bahamagarirwa kwitura amashirahamwe yobateza imbere bakava mu bukene
dimanche 22 Ruhuhuma 2015
Reta yogira uruhara rukomeye mu gushigikira amashirahamwe mato mato yo kuguranana kugira abanyagihugu baronke amadeni ku nyugu ntonto, nk’uko bivugwa na Dieudonné Gahungu umwigisha muri za kaminuza.
Dieudonné Gahungu avuga ko amabanki ateza imbere abasanzwe bateye imbere mu gihe abakene batezwa imbere n’amashirahamwe yo kuguranana mato mato. Avuga ko hariho icigwa cakozwe cerekana ko mu Burundi, abantu bakorana n’amashirahamwe yo kuguranana bangana n’ibice 12%. Umuhinga Gahungu agahamagarira amashirahamwe yo kuguranana kwegera abanyagihugu kuko ayari hagati mu gihugu asanzwe ari make.
Ayariho nayo akayahamagarira gutanga amadeni mato mato yo gutunganya imigambi mito mito yotuma abanyagihugu bisununura. Uwo mwigisha muri za kaminuza, akaba ahamagarira abakiri bato kugira umuco wo kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere n’iyo kuziganya mu mashirahamwe yo kuguranana, Reta nayo igafasha mu gushiraho amahinguriro y’ibifungurwa kuko hari igihe abanyagihugu bagira umwimbu munini, ugasanga baciye bawusesagura. Abatwara amabanki akavuga ko bakwiye kwicara hamwe bakagabanya imyidogo y’abikorera utwabo.
Dieudonné Gahungu akavuga kandi ko ayo mabanki yoraba ko abo yahaye ingurane bayikoresha ico bayisabiye, kandi akongera akaraba uburyo yotanga amadeni yo guteza imbere amahinguriro kugira mu Burundi, ibintu bigurirwa hanze bigabanuke kandi amahera y’amarundi agire agaciro.
Aristide Nizigire
Messages
23 Ruhuhuma 2015, 21:05, par Igirukwishaka claude
Uyomwigisha ndamushigikiy ubundi reta yarikwiy kuwenya ko iterambere rihera hasi kuko uNunyagihugu yugarijwe nubukene ,ntiwovuga ngo igihugu kirateyimbed