Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bakuwe ku Mase bamenyesha ko buca kabiri bagasigara atagahuzu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyagihugu bakuwe ku Mase bamenyesha ko buca kabiri bagasigara atagahuzu (...)

Abanyagihugu bakuwe ku Mase bamenyesha ko buca kabiri bagasigara atagahuzu bambaye

mercredi 5 Ntwarante 2014

Inyuma yaho abanyagihugu bari basanzwe baba aho bita ku Mase birukaniwe, utuzu twabo tugaturirwa, baremeye kuva aho bari bamaze iminsi bicaye, imbere y’inyubakwa isanzwe ikoreramwo umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, ubu bakaba babaye barajanwa mu Carama, aho babaye barashirwa mu kurindira.

Nk’uko bimenyeshwa na Jerome Ndiho umuyobozi wo guhuza mu biro vy’umuhuza w’abarundi, avuga ko igitigiri cabo banyagihugu bari baroye kwitura umuhuza cagumye ciyongera, kiva ku 384 gishika ku bantu amajana atanu n’indwi. Abo banyagihugu rero babaye barajanwa mu Carama, muri komine ya Kinama, bakaba bagiye kuba bararindiriyeyo inyishu ku bibazo vyabo, ndetse bamwe muri abo banyagihugu badafise amazu, bigategekanywa ko bazoronswa ibibanza, kugira bashobore kuronka aho bazokika umusaya.

Ariko rero, abo bakuwe ku Mase, bavuga ko ubukene ari bwinshi kuko ataco bafise bambara, mu gihe uduhuzu twabo twahiriye mu mazu. Bamenyesha ko hamwe batogarukirwa, buca kabiri, bagasigara bagenda uko Imana yabaremye. Basaba abagiraneza kubagarukirako, muri iki gihe batorohewe.

Tukaba twobamenyesha ko bamwe muri abo banyagihugu bari bahungiye aho ku biro vy’umuhuza w’abarundi, boba bafise amazu mu Maramvya, ariko bagahitamwo kuja kuba ku Mase, kugira babe barakotesha ayo bubatse mu Maranvya, nk’uko vyavuzwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Juma Saidi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.