IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyagihugu baratangazwa n’inyifato ya bamwe mu bahoze ku rugamba

Abanyagihugu baratangazwa n’inyifato ya bamwe mu bahoze ku rugamba

mercredi 10 Mukakaro 2013

Abahoze ku rugamba mu ntara ya Bururi bagirizwa guhohotera abanyagihugu, kandi ko rimwe rimwe bashaka kwishira hejuru y’amategeko, ivyo bikaba biri ukwo mu gihe ubu batandukiriye abari mu nzego z’umutekano nabo.

Ivyo rero bishitse mu gihe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 8 Mukakaro, mw’isoko ryo mu Kabumburi muri komine Buyengero mu ntara ya Bururi, umupolisi yakomerekejwe kw’izosi n’uwahoze ku rugamba mu gihe yamwatse ku nguvu inkoho aca arayimurasisha. Uyo musore yahoze ku rugamba yanse ko umwe mu bagize umurwi wabo afatwa mu gihe yariko araronderwa n’igipolisi yagirizwa ubusuma muri iyo komine nyene ya Buyengero.

Ubusuma rero buragirizwa abo nyene bahoze ku rugamba ko bagisibije, na cane cane ko benshi muri bo taco bashaka guhereza iminwe, ari ukwicara ku marigara, kuva mu gatondo gushika mw’ijoro. Abanyagihugu bo muri komine ya Buyengero rero bakaba basaba Leta ko yotegekanya inyigisho zohabwa abo bahoze ku rugamba bakamenya ukwo bakurikiza amategeko, bakubaha inzego, ndetse bagasonera n’agateka ka zina muntu. Ikinndi ngo ni uko bofashwa mu kwigishwa ibijanye n’imyuga kuko hari abatagira ico bakora maze ubukene bubokereye bagaca bashaka kwikora ku vya barundi.

Abanyagihugu babandanya basaba ubutungane ko bwoza burahasha abo bahoze ku rugamba mu gihe bafatanywe itonga muri ayo mabi yo kutubahiriza agateka ka zina muntu, n’ugukubagura abajejwe umutekano.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.