IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakoresha inyubakwa za Leta basabwa kuzibungabunga

Abakoresha inyubakwa za Leta basabwa kuzibungabunga

mercredi 31 Mukakaro 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevazi Rufyikiri mu rugendo yagize mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura, mu ntumbero yo kwirabira inyubakwa canke ibikoresho vya Leta bigeze aho umwansi ashaka yasanze bitabungabunzwe nk’uko vyari bikwiye. Aha tukaba twovuga nk’amabarabara, inzuzi zidakingiwe, inyubakwa za Leta zigeze aho umwansi ashaka, n’ibindi.

Inyubakwa canke ibindi vyegukira Leta, bikaba bisenyuka kubera ukubisamarako, ikoreshwa nabi ry’izo nyubakwa, ndetse n’ukutitabwaho, nk’uko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yavyiboneye. Ikindi yabandanije avuga, ni nk’icukurwa ry’umusenyi mu nzuzi, bituma nazo zica zita ibarabara, ugasanga zitanguye kubomora amazu y’abanyagihugu. Ikindi ni abantu bubaka hagati mu mabarabara, bagakorera ibokorwa vy’abo gushika mu mabarabara hagati. Avuga ko ivyo vyonona amabarabara, nk’uko yavyiboneye muri komine ya Rohero ku musozi wa Sororezo, mu mazu mashasha aherutswe kwubaka.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kandi akaba yarashimye kubona ahaca abagenda n’amaguru ubu hari ibisigaye bihatandukanya n’ahaca imiduga, naho bamwe mu bagendesha imiduga bagerageza gucisha imiduga yabo ahotegerejwe guca abagenda n’amaguru.

Muri komine Musaga, hakaba hibonekeje abimba amabarabara bashaka gucisha intsinga munsi y’ibarabara, abimvye nya barabara bagaheza bakahasiga ukwo, badasubiye kuhakora neza nk’uko hari hameze ubwa mbere.

Gerevasi Rufyikiri rero akaba yavuze ko hari abakurikira ikoreshwa ry’ibintu vya Leta, aca arangiza ahimiriza abanyagihugu kugira bakurikiranire hagufi izo nyubakwa za Leta n’ibindi, kuko ari ivyabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.