Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyagihugu bo mu Maramvya basaba ko igiporisi cobavira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amatongo > Abanyagihugu bo mu Maramvya basaba ko igiporisi cobavira mu (...)

Abanyagihugu bo mu Maramvya basaba ko igiporisi cobavira mu matongo

mercredi 11 Kigarama 2013

Abanyagihugu bo mu Maramvya bazindukiye imbere y’inyubakwa ikoreramwo umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, aho bari bagiye kumwitura kugira basubizwe amatongo yabo, mu gihe bavuga ko hariho abariko barayabanyaga harimwo na Musitanteri, mu gihe ayo matongo ubu arimwo ibirindiro bibiri vy’abaporisi.

Mu mubonano bamwe mu baserukira abo banyagihugu bahawe n’umuhuza w’abarundi, bavuze ko bayaze bahuza, ndetse biteze ko hashobora n’ukugira ikivuyemwo, mu gihe abo banyagihugu batangazwa n’ibikorwa vya bamwe mu barongoye intwaro bashaka kubanyaga amatongo yabo, bakoresheje ibihagararo bafise mu nzego barongoye, ndetse bagaca babarekuriramwo abaporisi, aho bemeza ko babakubagura, bakababuza n’ukurimira mu matongo yabo.

Bishimikije zimwe mu ngingo ziri mw’itegeko ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku wa 9 Myandagaro umwaka w’201, ingingo ya 455 ivuga ko, kubafise amatongo y’amapayizana bikurikije amategeko, bakagira vyose mu bibaranga, ayo matongo ari rwabo. Ariko, amatongo ari inyuma y’amapayizana, ategukira abo banyagihugu, atarabwa n’iryo tegeko. Abo banyagihugu rero bagasaba ko bobareka, ayo matongo akabegukira, bakayakoresha ivyo bashaka.

Tukabamenyesha ko ayo matongo abo banyagihugu bayarimwo kuva mu mwaka w’1942, bakaba bayagiyemwo bavuye mu Kanyosha, aho intwaro ya cami yagira yubake ikibuga c’indege kigira kabiri aho mu gace ka Kanyosha.

Juma Rukumbi, umuhanuzi mu biro vy'umuhuza ajejwe kumenyeshamakuru

Mu biro vy’umuhuza w’abarundi, bakaba batumenyesheje ko Mohamed Rukara umuhuza w’abarundi, agiye kugendera aho mu Maramvya, kugira yirabire vy’ukuri ivyo abo banyagihugu bavuga ko ari vyo. Juma Rukumbi, umwe mu bakozi bo mu biro vy’umuhuza ajejwe kumenyesha amakuru, avuga ko abo banyagihugu botekana, ico kibazo umuhuza yamaze kugifata mu minwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.