Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe 52 yugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Amashirahamwe 52 yugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi

Amashirahamwe 52 yugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi

jeudi 18 Kigarama 2014

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kayanza bamaze iminsi ine bugarije ibiro vy’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara bararahira bakarengwa ko batagiye kuva imbere y’ivyo biro, badahawe agahembo kabo kagera ku miriyaridi zine n’ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu, vy’imivyaro y’amavoka batanze mu mwaka w’2011.

Mu gatondo ko kuri uno wa kane, bamwe mu baserukira abandi muri ayo mashirahamwe 52 yatanze imivyaro y’amavoka bakiriwe mu biro vy’umuhuza Mohamed Rukara, inyuma y’amasaha abiri arenga bariko bavugana, umuhanuzi mu biro vy’umuhuza w’abarundi Angele Barumpozako yabwiye abanditsi n’abamenyeshamakuru ko umuhuza yababwiye ko agiye gushiraho umurwi ugizwe na bamwe mu baserukira abo banyagihugu hamwe n’intumwa z’ubuhsikiranganji bw’ibidukikije, ikigega ca Reta, hamwe n’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu abo akaba aribo bakurikirana ico kibazo abandi bagasubira iyo baje bava. Angele Barumpozako we akaba yavuze ko muri ayo mafaranga bishuza ibice birenga 60 bimaze kurihwa.

Inyuma yaho Nestor Ngendakumana, umwe mu baserukira abandi niko kuza gushikiriza ubutumwa bavanye mu biro vy’umuhuza w’abarundi, abo banyagihugu bakaba bamwamiriye kure, bararahira bararengwa ko batagiye kuva imbere y’ibiro vy’umuhuza bataronkejwe amafaranga yabo. Ku bwabo ngo ni kenshi bashizeho imirwi yiga ico kibazo ariko atakivamwo.

Tubamenyesha ko abo banyagihugu bagizwe n’amashirahamwe 52 yo mu ntara ya Kayanza yatanze imivyaro y’amavoka mu mwaka w’2011, bitavye akamo k’umukuru w’igihugu. Iyo mivyaro y’amavoka bayidandaje ku bushikiranganji bw’ibidukikije ikaba iciye amafaranga agera ku miriyaridi zine n’imiriyoni ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu. Muri ayo bakaba bamaze kuronka imiriyoni amajana ane n’ibihumbi amajana atandatu na mirongo itandatu, ivyo bakabikesha umuhuza nk’uko bavyivugira, n’ubwo bavuga ko yagabanganywe mu buryo butari bwo kuko hatabayemwo ukunganisha. Mu gihe rero umuhuza yabasavye ko bakinjura imbere y’ibiro vyiwe ataraho akazoca ahagarika gukurikirana ikibazo c’abo banyagihugu bavuga ko barindiriye ko yobaha n’icanditse gitomoye neza kugira bamenye neza ko bazoyaronswa atari aho baguma aho.


Floxella Karire

Messages

  • Ewe bahutu mwaragowe imisiyose aho hantu,ndahabona abahutu gusa eheeeee!!!!zaaaaa mana fasha abahutu bakanure neza kugira,2015 twikureko uyumuhu nkurunziza

  • oya nwari nawe urashikuje !!!!ni abahutu gusa ?mbega ko mukayanza hariho ubgoko bgose wumva aribo gusa?j nibaza ko n’ubundi bgoko burimwo"nibatakambire Uhoraho Abe Ariwe Abishuriza .Nayo Dd Yo Ni Abakozi Ba Satan.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.