Accueil > Amakuru > Mu makungu > Blaise Compaoré yoba ageze muri Ghana ahunga
Blaise Compaoré yoba ageze muri Ghana ahunga
vendredi 31 Gitugutu 2014
Abanyagihugu bo muri Burkina Faso bararahira bakarengwa ko bataruhuka batirukanye mu umukuru w’ico gihugu Blaise Compaoré.
Imyiyerekano abo banyagihugu bamazemwo iminsi, bakaba baturiye ingoro y’inama nshingamateka, baraturira inyubakwa z’iradiyo nkuru y’ico gihugu, nayo amamangazini hamwe n’izindi nyubakwa birasahurwa urukombamazi hatibagiwe iturirwa ry’imiduga itari mike. Abo banyagihugu bari mu migumuko, bakaba bihereje mabarabara inyuma y’aho uwo mukuru w’ico gihugu amaze imyaka 27 yose ku butegetsi, ashatse guhindura ibwirizwa nshingiro kugira aronke uburenganzira bwo kwitoza ubugira gatanu.
Blaise Compaore bikaba bitanguye kuvugwa ko yoba yahungiye mu gihugu ca Ghana, nk’uko bimwe mu binyamakuru vyo muri ico gihugu bivyandika. Abatavuga rumwe nawe bakaba bari bamenyesheje kobategerezwa kumuhenurira ubutegetsi, naho Blaise Compaoré we yari yamaze kwemera ibiganiro ndetse, akavuga ko ivyo guhindura ibwirizwa nshingiro yabihagaritse, ubu akaba yemera ibiganiro n’abo batavuga rumwe.
Abantu bagera kuri 30, bakaba bamaze guhitanwa n’izo ntureka.
Aristide Nizigire
Messages
31 Gitugutu 2014, 10:29, par naahayo
Uy’umunsi nimuri burkinafaso ejo ni Burundi, les jeunne africain twari dukwiye kuhagurukira abo bose bashaka kutuzingamika.
31 Gitugutu 2014, 12:00, par Rutwe
Uraba ubona mukuru wigihugu cuburundi umwanya si muto bigiye kugushikira utemeye gusezera ubutegetsi mu mahoro!!
31 Gitugutu 2014, 12:17, par ndayizey
abarUndi taridukwiy gufatira utororer kubindi bihugu kuko murabona umuperzida agomba kwigumiza kubutegetsi ahindagura ibwizwa shingiro ukwavyiyumviye kose ngobibe ukunyn murabona icobivyara murundi ntipfuza kohava bimeruko nibazebarahaza ibiringo vyabo hamabasa abandi ahandi hoho murabona ingaruka zavyo
31 Gitugutu 2014, 12:45, par Mwalimu
muri afrika abakuru bi bihugu bafata igihugu bakagihindura amatongo yabo!abo muri burukina fasso nintwari. nongaha iwacu nivyo bashaka
31 Gitugutu 2014, 13:02, par misundi
uko niko umwaka uza bizaba bimeze ngaha
1er Munyonyo 2014, 07:12, par fikiri
MUKURITEBWOBA NGAHO MURIBARYA BANYAGIHUGU NINDE YATUNZWE NISOMBE CANKE IBITUTU VYIMIGANO CANKE AMAKORORO YIMYUMBATI EREGA ABARUNDI BUBU SIBABANDI BAFATWA NUMUNTUMWE, KERA MURABIGEZA TURABE MUREKE ITERABWOBA,SHA. MUTAMA RWAS KOMERA EJO SUYUMUNSI
9 Mukakaro 2015, 06:14, par NIYONKURU Richard
Ico niyumvira nuko compaole yokwemera kuva kubutegetsi hataraba nibindi kuko bazohava bamwica atavuyeko ningoga.