IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > abanyagihugu ntibaramenya akamaro k’abashingwamanza

abanyagihugu ntibaramenya akamaro k’abashingwamanza

vendredi 21 Ruheshi 2013

Abanyagihugu b’abarundi n’ubu benshi ntibaramenya akamaro k’ugusaba umushingwamanza mu gihe c’imburano, benshi ugasanga baratsinzwe canke bakagirwa n’ivyaha bitobagiriye kuko vyanse uko bisigura imbere y’abacamanza caka uko bari bwikureko icaha bagirizwa.

Abanyagihugu bo mu ntara za Kayanza, Muyinga, Ruyigi, Cankuzo na Kirundo, bavuga ko bataramenya akamaro k’umushingwamanza, kumenya akamaro kabo ubu n’aho nyene ari ukwo amashirahamwe nk’Aprodh,Ligue Iteka, Acat, canke urwego rw’abashingwamanza rimwe na rimwe, bashobora gufasha abanyagihugu mu bijanye n’imanza zimwe zimwe ari nk’imanza z’amatongo, imanza z’abafatwa ku nguvu, eka ndetse n’imanza zerekeye agateka ka zinamuntu n’izindi.

Abanyagihugu bo mu ntara za Muyinga na Kirundo bavuga ko bibagora kugenda kurondera umushingwamanza mu ntara ya Ngozi canke kurinda kuja mu ntara ya Gitega kuko bavuga ko ari kure, kubw’ivyo bagaca bahitamwo kwiburanira bonyene. Ariko ingorane ikunda kubashikira ngo niyo umwe afise umushingwamanza uwundi atawe afise, bigatuma uwufise umushingwamnza ashobora gutsinda uwutamufise kuko atashoboye kwisigura neza imbere y’abacamanza.

Ubu rero abo banyagihugu bo muri izo ntara bagasaba ko abashingwamanza boraba ukwo boja barugurura ibiro vy’aho bokorera kuko hamwe hawe mu ntara zo hagati mu gihugu usanga hari inyubakwa nke ushobora gusangamwo abashingwamanza.
Abo banyagihugu kandi bavuga ko hari nk’imanza batamenya uko bozisiguramwo kuko atamategeko bazi, ndetse kandi bagasaba ko Leta yoraba uko yigisha amategeko abanyagihugu, gurtyo bagashobora kworoherwa iyo bariko baraburana, bakamenya amategeko bisunga mu manza zabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.