Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Abanyamahanga baba muri Zambiya bahumurijwe
Abanyamahanga baba muri Zambiya bahumurijwe
vendredi 22 Ndamukiza 2016, par
Umukuru w’igihugu ca Zambia, Edgar Lungu yabwiye abanyamahanga baba muri ico gihugu ko igisirikare n’igiporisi bigiye gukora ibishoboka vyose kugira ubusahuzi bakorewe ntibuzosubire, akabahumuriza ko n’ababikoze bazobihanirwa.
Mu gihe yagendera bamwe mu banyamahanga bahungiye mw’isengero, Edgar Lungu yababwiye ko ubusahuzi bakorewe mu gisagara ca Lusaka ari igitutsi kuri Zambiya.
- Edgar Lungu, umukuru w’igihugu ca Zambiya
Muri ubwo busahuzi buvanze n’intureka bwamaze iminsi 2, hasenyuwe amaduka yAbanyarwanda arenga 60, hicwa n’abantu babiri.
Abantu barenga 250 nibo bamaze gufatwa inyuma y’isahurwa ryakozwe mu maduka y’abanyarwanda arenga 60 yasahuwe.
Ivyo bitero vyakozwe ku banyarwanda kubera bagirizwa kwica abantu, hanyuma bagakoresha ibihimba vy’imibiri yabo mu migenzo y’uburozi, ariko mu giporisi bakavuga ko ivyo vyagirizwa abanyarwanda baba muri Zambia ari ibihuha.
Umuvugizi w’igiporisi ca Zambia, Charity Munganga, mw’itangazo yasohoye, yamenyeshe ko iyo bihuha ari ibitangazwa n’abantu bafise umugambi w’ubugizi bwa nabi kandi bagashaka kuzana ubwoba mu banyagihugu, kugira basigure ubugizi bwa nabi bariko barakora.
IGIHE
Messages
22 Ndamukiza 2016, 15:32, par nisubire felix
nimba yoba yabahumurije vyoba vyiza kko baribarushe.arko uhoraho arababona
23 Ndamukiza 2016, 11:18, par fab
UHORAho.arababona
23 Ndamukiza 2016, 11:27, par Ndayisenga Bernard
Mbega Abamenewe Amaduka Nabanya Rwanda Gusa Canke naanyamahanga Bose Bari Muri Zambia?
24 Ndamukiza 2016, 08:37, par shemezimana celestin
twe ntitwumva ko nabarundi boca bahorwa nabanyarwanda ahubwo reta ya zambia niyihutira gufata ingingo yoguha ibihano abanyarwanda