Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyekongo batanu barahagaritswe i Bururi
Abanyekongo batanu barahagaritswe i Bururi
jeudi 23 Rusama 2013
Abanyekongo batanu baturuka i Uvira mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo barahagaritswe n’igipolisi ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Rusama 2013, mu ntara ya Bururi.
Abo banyekongo batawe muri yompi biyongereye ku bandi 54 batatiwe i Matana, Bururi na Makamba, kuva mu ntango za kuno kwezi kwa Rusama, bavuga ko bariko baja mw’ikambi y’impunzi z’abakongomani i Nyaruguru mu gihugu ca Tanzaniya.
Uwujejwe igipolisi mu ntara ya Bururi, OPC1 Donatien Manirakiza ashikiriza ko amakuru baronka amenyesha ko abo banyekongo boba bakurikiranwa bagirizwa uburozi.
Floxella Karire