Accueil > Poritike > Imigambwe > Abanyeporitike bahunze igihugu ntabudahangarwa bazoronswa
Abanyeporitike bahunze igihugu ntabudahangarwa bazoronswa
jeudi 12 Ntwarante 2015
Mu gihe hari abarongoye imigambwe bahunze kandi muri abo bakaba bakurikiranwa n’ubutungane, umushikiranganji avuga ko ivyabo bizigwa bashitse mu Burundi, ariko igikuru ari uko bogaruka mu gihugu.
Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yaheruka guhamagara abanyeporitike kugira batahuke, ariko akaba yavuze ko ubudahangarwa basaba ku bakurikiranwako ivyaha mu Burundi, bitoshoboka kuko hoba hariko harasasirwa indava ikibi. Edouard Nduwimana akabandanya ahamagarira abo banyeporitike bahunze kugaruka mu gihugu c’amavukiro, kugira bitegurire amatora, bongere batunganye n’imigambwe yabo.
Bamwe mu batavuga rumwe na Reta nk’abari mu migambwe ihurikiye mu runani ADC Ikibiri nka Alexis Sinduhije na Leonard Nyangoma, bakaba barahunze, kandi bakaba bafise n’amadosiye mu butungane. Tukabamenyesha ko abasanzwe bafasha Uburundi, basaba ko abanyeporitike bahunze bogaruka, mbere co kimwe n’abatavuga rumwe na Reta bari mu Burundi, bakoroherezwa mu gukora poritike neza.
IGIHE
Messages
12 Ntwarante 2015, 18:57, par Alain
Ivya Nduwimana turazi ko ari mugabo niryo mugabo siwe murundi.
13 Ntwarante 2015, 09:09, par bdi
Mana waremye Nduwimana, ariko ata n umusi uheze avuze ko kwizina rya leta abahamagaye agaca abihindura? burya mbona bisigaye bigoye, none twofata ko avuga ivyo atiyunviriye, canke aravuga bakamuvuguruza, kimwe gusa abahunze s abana, kandi mbona bamusumya pilitique
17 Ntwarante 2015, 21:08, par Ndayishimiye Thomas
Nibaza Ko Edward Nduwimana Yihenda Cane Kuko Nabo Ashigikiye Ntibera Kiretse Abo Yagiriza Ivyaha Ariko Bahunze Urupfu Kandi Nawenye Ntiyera Dufatiye Kuvyabaye Ibusinde Naba Fnl Bishwe Bivuye Kukubacanishamwo Ahakuru Yogirineza Kuko Niyintwaro Yahinduka Azobiryozwa
9 Myandagaro 2016, 20:29, par EGIDE
nukuri actatga rumwenareta barakwiye guiabwa ijambo