IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 16 birukanywe kuri kaminuza y’i Mwaro basaba gutunganirizwa

Abanyeshure 16 birukanywe kuri kaminuza y’i Mwaro basaba gutunganirizwa

mardi 10 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Abanyeshure cumi na batandatu bo kuri kaminuza y’ i Mwaro bamaze indwi zibiri zose batonda imbere y’ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, basaba ubwo bushikiranganji kubafasha bagasubira mu mashure inyuma yaho birukaniwe n’ubuyobozi bw’iyo kaminuza.

Kuwa 3 Munyonyo umwaka w’2014, ubuyobozi bwa kaminuza y’ i Mwaro bwafashe ingingo yo guhindura igisata abanyeshure bari biyandikishijemwo arico "Sciences infirmières", gihindukamwo "Soins infirmiers". Abanyeshure baciye baja kubaza igituma ico gisata cahindutse, bakavuga ko vyabatangaje cane. Nk’uko Patrick Nkunzimana umwe muri abo banyeshure birukanywe abiganirira ikinyamakuru IGIHE, bandikiye umuyobozi akatari gake ariko akaba atigeze abishura na rimwe, mu nyuma abo banyeshure baciye bagabisha ko bashobora gutangura yegereyegere kuwa 18 Kigarama 2014.

JPEG - 173.4 ko
Imyaka ibiri ya mbere, amakarata y’abanyeshure yari yanditseko ko biga "Sciences infirmières", bihindukamwo "Soins infirmiers" mu mwaka wa gatatu

Abo banyeshure babandanya bavuga ko bamaze kubona ubuyobozi butabishuye, baciye bandikira ubushikiranganji bw’amashure ya kaminuza kugira basubizwe ico gisata biyandikishijemwo. Mu nyuma umushikiranganji abicishije ku murwi ujejwe amashure ya kaminuza muri ubwo bushikiranganji, yaciye asohora icegeranyo kivuga ko "Sciences Infirmières" yemewe, kuwa 6 Nzero ubuyobozi bwa kaminuza y’i Mwaro buca bufata ingingo yo kwirukana abanyeshure cumi na batandatu baserukira abandi bari bateye igikumu ku rwandiko barungiye umushikiranganji Yozefu Butore.

Kuwa 15 Nzero, umushikiranganji Yozefu Butore yasohoye itegeko nshikiranganji ryemeza ico gisata "Sciences infirmieres" muri kaminuza y’i Mwaro, vyumvikana ko yari yemeye ivyo ba banyeshure basaba, ubuyobozi bwa kaminuza y’ i Mwaro buca burabirukana bubagiriza kuba barahungabanije ibikorwa vy’ishure, koboba barabesheye ubwo buyobozi bwa kaminuza kuko ubuyobozi buvuga ko butigeze bwifuza guhindura ico gisata, hamwe no kuba bararenze inzego ata burenganzira bafise bwo kwandikira umushikiranganji, niho guca baja kwitura ubushikiranganji, ubu bakaba bamaze indwi zibiri zose bari mw’ibarabara.

JPEG - 114 ko
itegeko ry’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza rivuga ko "Sciences Infirmières" yemewe

Kuri uno wa kabiri mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza bakaba babijeje ko ico kibazo cabo kigeze kure, bakaba babwiwe ko buca baronka inyishu kuri ico kibazo. Abo banyeshure basaba ko bosubizwa mw’ishure kuko ivyo basaba vyari ukuri kuko kanatsinda vyashimangiwe n’itegeko ry’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.


Floxella Karire

Messages

  • Ubuyobozi bwa kaminuza bwarahonyanze uburenganzira bwabo banyeshure bwo gushikiriza iciyumviro cabo. bwarahungabanije abo banyeshure mubikorwa vyabo vyo gukurikirana ivyigwa mubwigenge. ubushikiranganji burakwiye guhana no kwihaniza ubuyobozi bwigenza nkuko bisunze amategeko. ubwo buyobozi bwarihaye guhindura igisata kimaze imyaka ibiri gitanga inyigisho. bisa n’ukubajuragiza mubumenyi bariko bararonswa. iyo kaminuza ubushikiranganji burakwiye kuyikurikiranira hafi mubijanye n’ubumenyi itanga, ababutanga hamwe n’uburyo babutanga.

  • Ndasaba munsigurire difference ya science infirmiere na soins infirmier ham ikind nac nn ngah mur kano karere jacu ndavug tanzaniya urwanda uganda none bo biga science infirmiere cnk biga soins infirmiere je mbon ivyiza filliere zoba zimwe kk tur mur est african communute

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.