IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abanyeshure 33 bazindutse kwitura ubushikiranganji bwo gufatana mu (...)

Abanyeshure 33 bazindutse kwitura ubushikiranganji bwo gufatana mu nda

mardi 2 Mukakaro 2013

Abanyeshure bagendana ubumuga bo mu kigo CNRSP ( Centre Nationale de Réadaptation socio-professionnel) co kw’i Jabe bazinduse kwugariza ubushikiranganji bwo gufatana mu nda basaba ko bohabwa ibikoresho vy’akazi basanzwe baronswa iyo bahejeje kwiga amashure y’imyuga.

Abo banyeshure bakaba rero kuva isaha cumi n’imwe z’agatondo ko kuri uyu wa kabiri bari baje kwugariza ku nyubakwa ikoreramwo ubushikiranganji bwo gufatana mu nda.
Bakaba rero bamenyesha ko iyo bahejeje izo nyigisho z’imyuga Leta ica ibaha ibikoresho baheza bakaja gukoresha mu buzima busanzwe, ivyo navyo biba bigizwe n’amashini za mudasobwa (ordinateurs), ama mashini yo kubarira, ibikoresho vyo gusiga amarangi, ivyo kubaza hamwe rero n’ibikoresho bifasha guteranya ivyuma (soudure)

Umunyeshure aserukira abandi akaba yamenyesheje ko bikeka ko ivyo bikoresho vyoba vyaranyurujwe n’umuyobozi w’ikigo CNRSP, umupfasoni Ndabakuranye Virginie kuko bahejeje kwiga iyo myuga aca abahatira kuja mu mashirahamwe ari nka batandatu bagaca bahabwa ibikoresho vy’abantu bane, maze uwo muyobozi agaheza akanyuruza ivya babiri. Uwo yaserukiye abo banyeshure akaba yabandanije atubwira ko bashitse ngaho kuva isaha cumi n’imwe z’agatondo kuri uyu wa kabiri ariko gushika igihe twahashika isaha zine z’agatondo mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda ntibari bwabakire.

Amakuru ava mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, ari nabwo bwituwe n’abo banyeshure mirongo itatu na batatu bagendana ubumuga akaba avuga ko batumyeko umuyobozi w’iryo shure kugira bamubaze neza ivyo abo banyeshure bamwagiriza.


Egide Ndayisenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.