Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe
Abanyeshure 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe
lundi 15 Myandagaro 2016, par
Abanyeshure bagera ku 412 bo muri Kaminuza y’Uburundi birukanwe mu mwaka w’ishure w’2015 ushira uw’2016. Ingingo y’ukwirukana abo banyeshure yafashwe n’umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi.
Iyo ngingo y’ukwirukana abo banyeshure ivuga ko bahowe ko batubahirije akamo bari batewe k’ugusubira kw’ishure, inyuma y’iminsi bari bamaze bari muri yegereyegere biyamiriza ibisata bishasha bahawe mu ndinganizo y’ivyigwa. Abo banyeshure bavuga ko ivyo bisata bishasha bitabaha uburenganzira bw’ukwigisha, mu gihe bahejeje ivyigwa.
Ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi buvuga ko yegereyegere y’abo banyeshure idasiguritse, bakagirizwa ko banse gushira mu ngiro ivyo bari basabwe ko bosubira mw’ishure.
Abo banyeshure birukanwe bavuga ko batangajwe n’iyo ngingo bafatiwe y’ukwirukanwa, bakavuga ko batanse kwitaba akamo batewe, ahubwo ko bamwe muribo bari bamaze gusubira iwabo mu gihugu hagati, bari bakirondera uburyo bwo kwiyunguruza, kugira bagaruke kw’ishure kuri uwu wa mbere. Ico basaba akaba ari uko bokwumvirizwa, kugira ibibazo bafise bitorerwe inyishu
IGIHE
Messages
15 Myandagaro 2016, 11:02, par Joni
Nibako intabarigwa ibarigwa nukwamaso atukuye bibaza kwarumujejeto nkabashebuja bishinga mukirere ntibambaze
15 Myandagaro 2016, 13:54, par NIHORIMBERE Gilbert
Nibabarek.Noneko Grève Itoba Ngobagum I Buja Barya Amahera Atanayo Bagira Kandi Na Bourse Baca Bayihagarika.
15 Myandagaro 2016, 14:20, par tari
Nzamuragabanya gucengacengana na reta bana ba data namama, kuko reta ushobora kuyitesha umutwe bigatuma idaterimbere ariko nribibuza kwabayikorera bashobora gukomeza gutera imbere, ariko wewe kwishure ryawe ntanumwe aheza ngwazoguhe amanota ngunuko watesheje umutwe reta canke ngwaguhe urupapuro rwumutsingo.
Reka nanje ndabagirize komwabeshe nisunze ahomwavuze ngo mwarimukirondera kuburyo bwogusubira kwishure Jewe numva mugihe mwarikubamwumvise bababwiye igihentarengwa ayomajambo nihomwarikuca muyavuga ariko akabanzirizwa nokuvugako mwiteguriye gusubira kwishure mukacarero muyashirako kandimutibagiwe rwarupfasoni basokuru nabasogokuruza baturaze.
Muvyukuri nisunze nakajambomunyujijewe ngo murasaba kwumvirizwa nakonyene karabaranga komwabeshe mutigezemwemera akamumwatewe ahubwo kerekananeza komutarava kwizima.
15 Myandagaro 2016, 21:41, par ramos
babahoye iki
16 Myandagaro 2016, 11:54, par kaneze
barajujus pe! Twbw twarahatsw kuhasiga ubuzma ng twakongatay!twiyemeza ng harikizovamwo! Kumbur dupf kwiga vys bizohra petit a petit.
16 Myandagaro 2016, 14:03, par KING
IS THAP TO YOU
18 Myandagaro 2016, 19:34, par A
UMUNYESHURI AZOSAMARA NTAMBAZE AKONAKAYUNGIRO BAGOMBA BABA PIME
24 Myandagaro 2016, 22:21, par DIEUDONNE
NIMUBALEKE BASUBILE KWIGA NONE BAZOBA ABANDE