Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza za Reta bahawe agafashanyo k’ukwezi kwa (...)
Abanyeshure ba Kaminuza za Reta bahawe agafashanyo k’ukwezi kwa gatanu
mercredi 28 Rusama 2014
Imvugo yabaye ingiro, agafashanyo k’ukwezi kwa Rusama kashikiriye abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’Uburundi, nk’uko umuyobozi ajejwe ivy’agafashanyo n’imyimenyerezo Denise Rukundo yari yabimenyesheje mu ndwi iheze.
Kuva kw’igenekerezo rya 21 Rusama, abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza Nderabigisha ENS barahagaritse ivyigwa, kiretse abariko bakora ibibazo. Imvo zatumye bahagarika bakaba bariko bishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza na Rusama, aho mbere bavuga ko vyabananiye kuja mu mashure kubera inzara, n’abandi bavuga ko bariko basohorwa mu mazu basanzwe bapanze.
Ariko rero, n’aho bishuza amezi abiri Ndamukiza na Rusama, umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yarabakuriye inkoni ku gishitsi ko bazoronswa ukwezi kumwe gusa kwa Rusama kuko ukwezi kwa Ndamukiza batari ku kivi.
Abo banyeshure bo bavuga ko bari bakwiye kuronswa ako gafashanyo kuko batagengwa n’amategeko y’abakozi n’akazi, kanatsinda ko amafaranga baronswa atitwa umushahara, ahubwo yitwa agafashanyo, nk’uko abanyeshure baserukira abandi babivuga.
Muri kino gihe rero, abo banyeshure bahawe ukwezi kumwe gusa bavuga ko bariko bihweza namba basubira mw’ishure canke ko bobandanya bishuza agafashanyo kabo k’ukwezi kwa Ndamukiza, kuko babona ko ari akarenganyo.
Tubibutse ko abo banyeshure imbere y’uko baja muri iyo yegereyegere kuwa 21 Rusama bari baherutse mu yindi yamaze ikiringo c’amezi abiri biyamiriza itegeko ry’umukuru w’igihugu ryasubiramwo ivy’ingene agafashanyo kazoza karatangwa, aho abo banyeshure biyamiriza bavuga ko iryo tegeko rije kwugara imiryango ku mwana wa nyarucari muri Kaminuza za Reta.
Floxella Karire
Messages
29 Rusama 2014, 22:17, par Rugira
Mu Rwanda baheruka agafashanyo ko mu kwa kabiri