Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba kaminuza ntibarota basubira ku mashure ivyo basaba (...)
Abanyeshure ba kaminuza ntibarota basubira ku mashure ivyo basaba bidatorewe inyishu
mercredi 19 Ntwarante 2014
Abanyeshure baserukira abandi bo muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS bararahira bakarengwa ko batarota basubira ku mashure mu gihe ivyo basaba bitoronswa inyishu. Ku kamo nako batewe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, kubwabo ntana kimwe ako kamo kavuze kuko ikibazo kimurengeye kanatsinda si nawe yabarungitse muhira.
Mu rwandiko bavuga ko bandikiye abavyeyi, abanyeshure baheruka kurungikwa mu mihana iwabo mu kiringo c’iminsi cumi, babicishije ku banyeshure baserukira abandi muri kaminuza y’Uburundi na kaminuza nderabigisha ENS, basavye abavyeyi ko boba bararondera udukorwa two kwiteza imbere boba baraha abana bakore mu kurindira ko ikibazo cabo gitorerwa umuti. Basaba abavyeyi kandi kutaroha abana babo mu gisagara. Basaba abanyeshure gutenyenya barindire inyishu umukuru w’igihugu abishura bivanye n’amarira n’amaganya abo bana bamushikirije.
Kubw’abo banyeshure, akamo katewe n’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi ko bosubira kw’ishure bakiyandikisha gushasha ntaho gafatiye, kuko ikibazo kimurengeye kanatsinda ngo siwe yabarungitse, si we rero yobahamagara ahubwo ni umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi.
Abo banyeshure babandanya bamenyesha ko bateye ivyatsi abanyeshure bashaka gukoreshwa mu guhamba ibibazo vya benewabo bishimikije imigambwe, na cane cane umugambwe uri ku butegetsi, aha batunga agatoke abanyeshure batanu bagiriza kuba bariko bagurisha abandi. Ari nabo boba bariko batera ubwoba abandi ko bategerezwa gutonda ku munsi wa mbere, bongera barondera abokwigira abanyeshure ku munsi wa mbere kugira berekane ko akamo katewe kitabwe.
Tubamenyreshe ko urwo rwandiko rwateweko igikumu n’abanyeshure baserukira abandi bagera ku 269, muri abo 229 ni abo muri kaminuza y’Uburundi hamwe na 40 bo muri kaminuza nderabigisha ENS. Urwo rwandiko rukaba rusohotse mu gihe ku munsi w’ejo kuwa kabiri, umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi yari yahamagariye abo banyeshure kwitaba akamo ko gutonda ishure ku munsi wa mbere, uwo muyobozi anabagabisha ko mu gihe batokwitaba ako kamo bofatirwa ingingo zikomeye.
Soma Ico Umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi abivugako Gaston Hakiza
Floxella Karire
Messages
19 Ntwarante 2014, 15:06, par gutwenga
baragabishije rero!!
20 Ntwarante 2014, 03:11, par Nwari
jewe mbabajwe nabigisha banyu atakintu nakimwe bavuga nkuko umego mutaje kumashure bobo ubuzima bwobandanya kuribo ,abanyeshure ntimuje kwiyandikisha busha hanyuma turabe ko ari mwebwe muhomba mwenyene birateye isoni wogira kaminuza yabaye yagAmukama . Uko bayifata ubu birababaje ncane kuva umuntu yaciye kuntebe yishure agereranya uburundi na USA birataganje ncaneee naho hazahera imyaka 1000.000 nibintu bitazopfa biganye .Bana babakene ,bana bipfuvyi gwanira agateka kanyu igihugu nica twese dutegerezwa kugabura ibikivamwo byose atawarya wagura .ntidupfa kabiri
20 Ntwarante 2014, 08:50, par Mediateur
kongatara mutsinde iterabwoba .Umukuru w’igihugu ngira azotinda yumve amarira ya nyarucari.abavyeyi nibafate nkama ico mubasavye.ntibabarungik ivyo musaba mutabirons ngo igipolisi kiz kibarase.
20 Ntwarante 2014, 09:36, par AUGUSTIN BOTEFITINA
Ndashigikiy’abobanyeshuri caaaane. Kuko bose ntahandi bize atar’aho kandi siko boba bar’incabwenge cank’iwabo batunze gusumb’abandi,mbeg’izonda z’abobashingantahe ntibozipfunya? nibagabany’nintendo zo mumahanga. birigwamwo. bareke kuguma bacinyiz’umwene Gihugu kuber’inda zabo ZAPOMPOROTSE!,Ndahanuy’abana ko bokwigumyantibacanemwo , ntahagire n’umwe gonzesse n’abo bansumir’nda ngw’aje kwiyandikisha kuko ndazi d’ici Gihugu twabahaye kirahahombera mudatonze, ABATWA,ABATUTSI,ABAHIMA,ABAGANWA. Mézières mwung’urunani ntibabacemwo,Mbe baba Depite twatora kobashiz’amazi mukanwa mumbonera 2015 batazodukenera barakenyeyebemer’ihonyabwenge nk’umu President w’umuhima ntavuz’izina?NTA MURUNDI N’umwe w’umutima atohagurukango giyamiriz’iryohonya bwenge kuko ab’iwabo babirukana muma prprivé.
20 Ntwarante 2014, 10:05, par KAHEZE
Jewe maman nahanuy’abahutu kuko jewe.ndabona kokenshi bitirany’ibintu ème ni Bah’utu nyene batanguye guhendwa ngo baje kwiyandikisha ICo S’IKIKIBAZO C’AMOKO. CANK’IMIGAMWE?ntimigahendwe nka mugabo d’Impôt!yitwa BUTORE be na D6D yiwe batezw’ikinogo bagaca bagikorokera mwo. Ndavuga simvura izija guhona........!