Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa
dimanche 8 Rusama 2016, par
Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bandikiye umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.
Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.
Mu rwandiko barungikiye umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure baserukira abandi baragabishije ko umwanya uwariwo wose ivyigwa bishobora guharikwa, bakavuga ko bafise kandi amakenga kuko badakoze ibibazo ku mwanya bishobora gutuma baza kugira umurengera w’ibibazo bategerezwa gukora mu mpera z’umwaka, bigatuma benshi muribo bayoberwa. Abo baserukira abandi banyeshure basaba ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi gutora umuti w’ico kibazo cabo.
Muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko ibibazo vy’abo banyeshure babizi, kandi ko bariko baravyiga.
IGIHE
Messages
8 Rusama 2016, 11:49, par John
nibashaka bahagarike umenga hari undi bariko barigira, agahombo n’akabo bonyene. barafise umuteto ntangere, bakomeze bate umwanya 2ans zizohinduka 5ans.
8 Rusama 2016, 12:24, par Salatière
Abobanyeshure nibatware ibintu buke kko bahagaritse nibobahomba cane vyiza bobisavye mubwitonzi batarinze guhagarika,umwumvikano niwo mwiza
8 Rusama 2016, 13:13, par Dogo
Ibintu Bizoja Mungro Aruko Babonye Abagiye Mumigumuko?
8 Rusama 2016, 13:16, par MUYAHUDI
NIBABATUNGANIRIZ ARIKO MUBITWAR BUKEBUK NTIMWIHUT GUHAGARIKA IVYIGWA MBONIVYUBU BIGOY! BOHAVA BANABAGIRIZA IBINDI
8 Rusama 2016, 13:42, par Burundi
Hari igihugu co muri Afrika catoreye inyishu yegereyegere y’urutavanako rw’abanyeshure b’imburakimazi nk’aba mu mutekano ntangere:
Restaurant yarugawe kuko abanyeshure bagaburirwa kuko bariko bariga
Amazi yarugawe kuko yagenewe gukoreshwa n’abariko bariga
Umunyeshure asohotse ntiyasubira muri campus kuko compus yagenewe abariko bariga.
None leta y’Uburundin arireyeko abo banyeshure arico gituma bazokwama mu ruhagarara.
8 Rusama 2016, 18:21, par ZURU ZEN
ENDA BASHA,NIMUBIHEBE,IGIHECOGUFYINA CARAHEZE
8 Rusama 2016, 20:17, par cakira
Bandanya mwasama ngo leta murayikangisha, guhagarika nimwe muzoba mwihagaritse muta umwanya wubusa,benshi muri kaminuza baje bava ruguru mubitoke rero iyo bashitse ngaha iwacu buja amavya acavyimba abandi amabere agashinga kuko baba babonye ikiyaga ca tanganyika,bamenye yuko Pacifiqeu president wabagumutsi yabakokeza ubu atajambo afise mugihugu! jewe narize ngaho muri kaminuza ingeso zaho ndazizi,gusa ico nobahanura kugumuka sivyiza murazi abagumutse ayo babonye,baja kuri ambasade ya amerika!
9 Rusama 2016, 03:19, par NYISHU Orginal
Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya!Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahabonye!Ahubwo nyabuna gwiza IBIGANIRO ntimwirirwe muta umwanya kuko ubu mu BURUNDI ivy’ITERABWOBA ni oya kuko ntimwoza musumvya aba EL SHABABU.
9 Rusama 2016, 04:53, par NYISHU Orginal
Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya!Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahaboneye!Ahubwo gwiza IBIGANIRO kuko ubu mu BURUNDI nta vy’ITERABWOBA kuko ntimwoza musumvya ITERABWOBA aba EL SHABABU,NIYOMBARE,NYANGOMA,SINDUHIJE n’abandi.
9 Rusama 2016, 07:27, par hamza
inda uyibaza uwayirayeko. vyoba vyiza guhagarika hako wokwiga utazomenya!!!
9 Rusama 2016, 14:34, par Rich. Nz. Julius ndayisaba.
Ahubwo iyo mutaha mwesi mumihira, nakare abize nibo bahanze igihugu.
10 Rusama 2016, 13:43, par egide mugisha
nukur vyar bikwiy no kub botunganirizwa ikibaz cab kuk barabangamiw vyob vyiz babikorew
12 Rusama 2016, 00:54, par CIZA BONIFACE
NIVYOKABISA NIBABATUNGANIRIZ NABONYEN NIHAMW BIBAGRA NINGOGA HARYA UWOBABWIRA ABABAZ MWIRYA MI6 21 NDAZ KOHOMENYA UMW NIKIBEGU.MB KUK BATAVYIGSHA MWIZO 21JRS NGOBIB BIHEZ.