IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi baragabisha ihagarikwa ry’ivyigwa

dimanche 8 Rusama 2016, par egide

Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi bandikiye umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.

Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.

Mu rwandiko barungikiye umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure baserukira abandi baragabishije ko umwanya uwariwo wose ivyigwa bishobora guharikwa, bakavuga ko bafise kandi amakenga kuko badakoze ibibazo ku mwanya bishobora gutuma baza kugira umurengera w’ibibazo bategerezwa gukora mu mpera z’umwaka, bigatuma benshi muribo bayoberwa. Abo baserukira abandi banyeshure basaba ubuyobozi bwa Kaminuza y’Uburundi gutora umuti w’ico kibazo cabo.

Muri Kaminuza y’Uburundi bamenyesha ko ibibazo vy’abo banyeshure babizi, kandi ko bariko baravyiga.


IGIHE

Messages

  • nibashaka bahagarike umenga hari undi bariko barigira, agahombo n’akabo bonyene. barafise umuteto ntangere, bakomeze bate umwanya 2ans zizohinduka 5ans.

  • Abobanyeshure nibatware ibintu buke kko bahagaritse nibobahomba cane vyiza bobisavye mubwitonzi batarinze guhagarika,umwumvikano niwo mwiza

  • Ibintu Bizoja Mungro Aruko Babonye Abagiye Mumigumuko?

  • NIBABATUNGANIRIZ ARIKO MUBITWAR BUKEBUK NTIMWIHUT GUHAGARIKA IVYIGWA MBONIVYUBU BIGOY! BOHAVA BANABAGIRIZA IBINDI

  • Hari igihugu co muri Afrika catoreye inyishu yegereyegere y’urutavanako rw’abanyeshure b’imburakimazi nk’aba mu mutekano ntangere:
    - Restaurant yarugawe kuko abanyeshure bagaburirwa kuko bariko bariga
    - Amazi yarugawe kuko yagenewe gukoreshwa n’abariko bariga
    - Umunyeshure asohotse ntiyasubira muri campus kuko compus yagenewe abariko bariga.

    None leta y’Uburundin arireyeko abo banyeshure arico gituma bazokwama mu ruhagarara.

  • ENDA BASHA,NIMUBIHEBE,IGIHECOGUFYINA CARAHEZE

  • Bandanya mwasama ngo leta murayikangisha, guhagarika nimwe muzoba mwihagaritse muta umwanya wubusa,benshi muri kaminuza baje bava ruguru mubitoke rero iyo bashitse ngaha iwacu buja amavya acavyimba abandi amabere agashinga kuko baba babonye ikiyaga ca tanganyika,bamenye yuko Pacifiqeu president wabagumutsi yabakokeza ubu atajambo afise mugihugu! jewe narize ngaho muri kaminuza ingeso zaho ndazizi,gusa ico nobahanura kugumuka sivyiza murazi abagumutse ayo babonye,baja kuri ambasade ya amerika!

  • Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya!Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahabonye!Ahubwo nyabuna gwiza IBIGANIRO ntimwirirwe muta umwanya kuko ubu mu BURUNDI ivy’ITERABWOBA ni oya kuko ntimwoza musumvya aba EL SHABABU.

  • Mu BURUNDI kugira GREVE ni uguta umwanya!Baza ABAVANDIMWE "ABIGISHA" ayo bahaboneye!Ahubwo gwiza IBIGANIRO kuko ubu mu BURUNDI nta vy’ITERABWOBA kuko ntimwoza musumvya ITERABWOBA aba EL SHABABU,NIYOMBARE,NYANGOMA,SINDUHIJE n’abandi.

  • inda uyibaza uwayirayeko. vyoba vyiza guhagarika hako wokwiga utazomenya!!!

  • Ahubwo iyo mutaha mwesi mumihira, nakare abize nibo bahanze igihugu.

  • nukur vyar bikwiy no kub botunganirizwa ikibaz cab kuk barabangamiw vyob vyiz babikorew

  • NIVYOKABISA NIBABATUNGANIRIZ NABONYEN NIHAMW BIBAGRA NINGOGA HARYA UWOBABWIRA ABABAZ MWIRYA MI6 21 NDAZ KOHOMENYA UMW NIKIBEGU.MB KUK BATAVYIGSHA MWIZO 21JRS NGOBIB BIHEZ.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.