Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahinduye ababaserukira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahinduye ababaserukira

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahinduye ababaserukira

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi bahinduye ababaserukira, kuva aho umwe muribo asohoreye urwandiko rwo guhamagara bagenzi we gusubira kwishure, abandi bakamwagiriza ko batari babigiye inama. Umurwi wa batanu wose waciye uhindurwa bashiraho abandi bashasha.

Muri Kaminuza y’Uburundi n’ishure nderabigisha ENS, ukwezi kurarenga abanyeshure bahagaritse ivyigwa, inyuma y’ingingo yo gusubiramwo ingene agafashanyo bahora baronswa gatangwa. N’aho umukuru w’igihugu yafashe ingingo yo gufuta zimwe mu ngingo zari zafashwe n’umushikiranganji wa kaminuza n’ubushakashatsi, abo banyeshure bararahiye gusubira kw’ishure kubera umukuru w’iigihugu atakuyeho ingingo ya 24 ivuga ko umunyeshure ayobewe rimwe adasubira guhabwa agafashanyo. Umwe muri banyeshure batanu baserukira abandi, Epitace Ndayambaje yaciye asohora urwandiko ahamagarira bagenzi we gusubira kw’ishure, ariko abandi bamwagiriza ko atawe babigiye inama.

Mu nama abanyeshure bagize ku munsi wa gatandatu, baciye bafata ingingo yo guhindura ababaserukira, mu kurindira kumenya ukuri ku vyatumye uwo Epitace Ndayambaje abaca inyuma agacisha ahiwe. Umurwi w’abanyeshure batanu bahora baserukira abandi, ugizwe na NDAYAMBAJE Epitace, ARAKAZA Arsène, DUSABE Bernard, RURASUMA Simon Marie na NDEREYIMANA Innocent waciye usubirizwa abandi batanu bashasha aribo NGABO Spageon, NIBIZI Jean Bosco, NZIRORERA Innocent, NZISABIRA Serges Claver hamwe na MUHAYIMANA David.

Abo batowe kugira baserukira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi basaba abarongoye kaminuza y’Uburundi kuvavanura n’iterabwoba, ahubwo bahangane n’ibibazo abanyeshure bafise. Abo banyeshure bashikirije ivyo mu gihe amakuru ava muri Kaminuza y’Uburundi amenyesha ko icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Paul Banderembako yoba amaze iminsi yihutisha abarongoye ibisata vy’ivyigwa muri Kaminuza y’Uburundi (Facultés) ko botanguza ibibazo (2ème session), kugira abanyeshure bazobikora babone kuza gutangura ivyigwa. Kubw’abo banyeshure baserukira abandi, iyo ngendo y’icegera c’umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi, Paul Banderembako nta kindi igamije atari ugucanishamwo abanyeshure ba kaminuza y’Uburundi biyunze kubera ikibazo kimwe basangiye.

Mu kurindira inyishu y’ibibazo vy’abo banyeshure ishobora gutangwa mw’ijambo ry’umukuru w’igihugu ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi uzohimbazwa ku munsi w’ejo kuwa kane, abo banyeshure ba Kaminuza y’Uburundi basaba bagenzi babo kuguma bafatanye mu nda.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mwebwe nimugume mufatanye munda mpaka petero asubizeho ingingo yahahora kera erega uburundi burakeny kndi nabarundi benshi barakenye ako gafashanyo kahora gafash’abanyeshure benshi batishoboye iwabo urazi kubona nkumu universitaire yambara ikirato kigahengama cnke ipataro rigacuya muga aronka ako gafashanyo ntawamucishamwo ijisho nubwo akenye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.