Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure ba Kaminuza za Reta ntibitavye akamo k’umukuru w’igihugu
Abanyeshure ba Kaminuza za Reta ntibitavye akamo k’umukuru w’igihugu
lundi 5 Rusama 2014
Abanyeshure bo mu mashure ya kaminuza ya Reta n’ubu ntibitavye akamo batewe n’umukuru w’igihugu, kiretse kw’ishure nderabigisha ENS mu mwaka wa gatanu mu congereza hariko higa umunyeshure umwe gusa.
Mu gihe kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Rusama, ariryo sango ryo gutangura ivyigwa, ryari ryasubiye gutangwa n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, abanyeshure ntibitavye akamo.
Aho ikinyamakuru IGIHE caciye yaba muri kaminuza y’Uburundi, ikigo ca Kamenge, ikigo IPA hamwe na kaminuza nderabigisha ENS, mu mashure hagaragara kiretse mu mwaka wa gatanu mu gisata c’icongereza, aho hariko higa umunyeshure umwe gusa yariko yigishwa n’uwitwa Rachelle Magawa. Mu kigo IPA mu gisata c’ibiharuro mu mwaka wa kabiri (Maths bac 2.), hariko higa abanyeshure batatu gusa.

Nk’igihe c’isaha zitatu z’igitondo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, hari uturwi turwi tw’abigisha, bivugwa ko bari barindiriye inama bagomba bagirishwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Yozefu Butore.
Hagati aho, mwomenya ko intonde z’ivyigwa zari zimanitse hose muri ayo ma kaminuza.

Epitace Ndayambaje, umwe mu banyeshure baserukira abandi yari yitavye ako kamo amenyesha ko abanyeshure boba bari mu nzira, kanatsinda ko akamo yateye ku munsi wa gatandatu, kabashikiriye ku minsi y’akaruhuko, nabo bakaba benshi muribo basanzwe bava mu ntara za kure. Ku bivugwa ko ariwe yafatishije bagenzi we bafungiwe muri BSR, Epitace Ndayambaje ararahira akarengwa avuga ko nawe yavyumvise ku bimenyeshamakuru, ahubwo avuga ko nawe yari yafashwe mu bandi naho yaciye arekurwa.
Uwo munyeshure Epitace Ndayambaje asaba abanyeshure bagenzi we gutera intambwe batonde ku mashure, maze bishuze ivyo basaba bari ku kivi. Asaba ko bagenzi we bapfunzwe borekurwa, kuko kuri we abona ko ari naco cateye ubwoba abanyeshure ntibitabe akamo ko kuja mu mashure kuri uno wa mbere.
- Epitas Ndayambaje, umwe mubaserukira abanyeshure ba Kaminuza yagirizwa ko yafashe ingingo wenyene yo guhamagarira abanyeshure gusubira kwiga
Floxella Karire
Messages
5 Rusama 2014, 14:37, par Bibi
Ntangure gushimira ababanyeshure bafatanye mumugongo nahuyu ngo ni Epitas uyunu muswa naje kwiyandikisha nabashebuja baje kwiga harahoyibaza kobaryabanye shure arabana?ceceka kandi witond abafunzwe muhangane murintwari
5 Rusama 2014, 14:41, par Ntaco Ntemanga!
Uwo bise epitas ndayongeje ntasoni yumva?Erega ndayongeje ufashe ingingo wiyumviriye umwanya muremure,naho yoba atariyo uremanga vyanka vyakunda kugeza bikunze!Nkaho ntiwumva ko warukwiye gupfungwa atagisabwe!
5 Rusama 2014, 14:54, par irakoze ger
mbega yemw!!!abantu baheza kugoka ibigori bikera.ubwo épitace nguta ibanga kumbure kudufaranga dukey,yobona kwarivyo vyiza?
5 Rusama 2014, 15:33, par Ntunzwenimana innocent
Mbanje gukeza Epitas,nakomere,kuko iyo grève ibandanije uwohomba ni umunyeshure.Nibamenye ko"KANANIRA BAGABO ATIMYE"hanyuma bikebuke,bamenye kandi bibuke wamwibutsa wa"BUZIRE NDABWIRIRE"ahandi bazohava bibuka kuyora basheshe.Nayo abo batukana muri commentaire bokwibuka ko ibitutsi ataco bimaze nakare"IGITUTSI GIFATA URI N’AMANYAMA"
5 Rusama 2014, 15:42, par Nwari
Ndashimiye abanyeshure kukwerekana ko aribamwe basangiye ingorane bose komeraaaA.ahasigaye nibarondere zabonerakure zize zibeziriga aho kwica abantu ?gutwangwa nibigugu nizonkwirikizi mbi mubona
5 Rusama 2014, 18:55, par periggo
Igihugu cacu gitwarwa nabantu badashoboye ikintu na kimwe and so result ntazindi tworindira atar’izi. In fact igihugu cacu cimaze 10ans kiri kuri auto pilot,sinibaza ko har’abategetsi gifite, urets’ibi bigugu byafatiye abanyagihugu mungorane barimo biga hijacking. Ibi bigugu bya ba DD biramaze kuturambira kabisa. Ndicuza cane vote yanje nataye ntor’ibijuju nkibi kabisa!!!!!
5 Rusama 2014, 20:39, par Sivyubu
harya kwisi yose ukanka guhanurwa uragowe.uwomugabo petero nareke iterabwoba yumvirize abobana,areke kuzaronona amahera yigihugu ahumwe abeshe vyakunze atarivyo.jewe ndabarahiye nimutabona ingaruka yavyo.ngonabagabo wapi nizinagusa yananiwe atangimih
6 Rusama 2014, 06:49, par Nsengiyumva Bonaventure
Nta mvura idahita!Igifise intango kigira n’iherezo.Banyeshure komeza gusenga Imana irabibona kandi izokoresha abo Bategetsi bigende neza.Mukomeze gushira hamwe ivyiyumviro,ntimumere nk’Abigisha bumva Abategetsi bavuze bakajugumira kubera batagira urunani!