Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure baba mu ndaro batanguye gukura meza
Abanyeshure baba mu ndaro batanguye gukura meza
lundi 27 Ndamukiza 2015
Inyuma y’aho abanyeshure bo kuri Lycee ya Mwaro batahiye bose, abo mu gisagara ca Bujumbura nabo bagahagarika kwiga, mu ntara za Rumonge na Karuzi naho batanguye gutaha.
Nk’uko amakuru ariko aradushikira abivuga, abanyeshure bo kuri Lycee ya Buhiga baba mu ndaro, batekeye barataha, inyuma y’aho bavugiye ko baraye batewe n’umuntu bataramenya, baratabaza igiporisi kiza gitevye. Abo banyeshure bakaba baciye batekera utwabo, bakura meza. Abandi bivugwa ko batashe kubera amakuru bumva, ni abanyeshure bo mu ntara ya Rumonge, baba mu ndaro. Abo banyeshure bakaba batanguye gutaha muri aka gatondo.
Abanyeshure bose bariko bahungira iwabo, bakaba bavuga ko batinya mutekano muke. Eka no mu yandi mashure afise uburaro, bikavugwa ko ibintu bitifashe neza, uretse ko bamwe banse n’ukuriha amafaranga y’ishure, abandi nabo baza barataha kamwe kamwe.
Aristide Nizigire
Messages
27 Ndamukiza 2015, 14:19, par rukundo
natw mu gihogazi nibarindir ejo tuzitahira ne twiga ubundiho dukoriki atanakazi baduha?
27 Ndamukiza 2015, 19:24, par Celestin
Imana Ifashe Uburundi.
27 Ndamukiza 2015, 20:30, par Nahimana adrien
Mwomenya ingene abanyeshure nyene tugeramiwe hewe nimwitahire murindire ntimwibagire ko ababa mu ma lycee heee nikubaya mwibuke kibimba.aha nairobi garissa so mwitahire
28 Ndamukiza 2015, 02:04, par Nininahazwe
Ahaa! Amagara Aruta Amajana! Nimwitahire Bana Buburundi Niyumutekano Wagaruka Muzokwiga.Ntimwibagireko Kenshi Abo Mundaro Bakunda Gushkirwa Nivyaduka Mubih Nkibi.
28 Ndamukiza 2015, 11:27, par nyabenda giteranyi
muzedusabe imana kuko ndumva bihambaye mwihangane
29 Ndamukiza 2015, 04:59, par NZAMBIMANA Godefroid
Reta yogira Icikoze Muguhumuriza N’ugutorera Inyishu Nziza Iyomigumuko Irimugihugu.
1er Rusama 2015, 04:25, par Eric
Amagara Aruta Amajana Yesu Yavuze Ati:ni Babakoma Mu Gisagara Kimwe Muhungire Mu Kindi Kuko Nzoba Ndi Hafi Kuza% Mana Dutabare