IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abanyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu boba bakuwe mw’ibohero rya (...)

Abanyeshure bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu boba bakuwe mw’ibohero rya Mpimba

mercredi 22 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Abanyeshure bari mu baserukira abandi muri kaminuza y’uburundi bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, boba bungururijwe ahantu hataramenyekana nk’uko amakuru ava muri bagenzi babo abimenyesha.

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi bakaba bafise ubwoba ko abo banyeshure bashobora kugirirwa nabi. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho ku munsi w’ejo igenekerezo rya 21 Ndamukiza, abanyeshure bagenzi babo babujijwe kuja kubaraba mw ‘ibohero rya Mpimba aho bafungiwe , igiporisi kikaba cabasubije inyuma bari mu rugendo rwo ku munsi wa kabiri, bitiriye uwo umwijima, bataziriye uko biturutse ku gifungu cinshi caranze ifungwa ryabo, nk’uko abo banyeshure bagenzi babo babivuga.

Abo banyeshure rero bafunzwe akaba ari uwitwa Renée Nshimirimana na Yohani Bosco Nibizi. Abo banyeshure bakaba bafashwe kw’igenekerezo ray 12 Ndamukiza bari kumwe n’abandi batatu , bakaba bafatiwe mu bibanza bitandukanye bagirizwa gutuka umukuru w’igihugu. Kuwa 14 Ndamukiza sentare ikukira mairie ya Bujumbura ikaba yafashe ingingo yo kubarungika mw’ibohero rikuru ray Mpimba ,uko ari bane, ibanje gufata ingingo yo kurekura umwana w’imyaka iri munsi ya 18 bagirizanywa icaha kimwe.


Floxella Karire

Messages

  • Namwemwumve uyumwanditsi ngwabibanyeshure bashobora kugirirwanabi! None aho ufashije iki? Ubwambere ushatse ushatse gutera umutimamubi imiryango nincuti zabobantu bafunzwe, ubwakabiri usanuwubinako ubutungane bwu Burundi arubwo kugiranabi. Icowarikwiye gukora carikigijurikira; nkakazikawe kwarukwiruka inyuma yabobase bashobora kubabamenya canke bajejwe abapfurwa ukababaza uti: Tubwiriki abenegihugu kuririyimurwa ryababafurwa? Bakubwirarindira ukadutangariza gurtyonye, bashoboranokukubwirako bazoguhinyishu kuyundimusi nahonyene wodutangariza gurtyonyene bakubwiye uvyubikozegurtyo ubawitandukanije nabimwetwita gukokeza.

  • KUDAKUBITA IMBWA VYORORORA IMISEGA.....ABO BANYESHURE NIBAHANWE NTAWUTUKA UWUMUGABURIRA...BIGA KURI GUS...BARYAMA KURI GUSA...BOGA KURI GUSA....TWEBWE ABAVYEYI TURASHIMA....§!!! NABO AHO KWIGA NGO REKA BATUKE NYENE ICUBAHIRO...!!!!IVYO VYEREKANA KO BAFYINYE BATARAMENYA UBUZIMA ICARICO!
    NTAWUTUKA UMUVYEYI WIWE AHUBWO GUHERA UBU BABANDANIJE NIYO KAMINUZA IZUGARWA KAZIMA IZINDI ZIRIKO ZIRAKORA KANDI ZISOHORA KU BWINSHI NKESWE IVYO BIJUJU BITABONA IYO BIRIKO BIRAJA ATARI GUHENDWA NABANTU BARI KU RUSHI ARIKO ATABANA BABO BIGA KURI KAMINUZA YIGIHUGU.

    HEBA UBWO BUBE GITO MWIGE...RETA IBANDANYE IBAGABURIRA MWIBEREHA BASHA.....!!!!

  • Guma hamwe ,mbega ko baboheje ngo muvuge ayamuhe ntibari bibereye mumihana yabo ,reka tubarekere kuko gutera imigumuko ntaho yodushikana ,mbega abo banyeshure bari mumpimba abo babahenze boba bazobafasha iki ubu bagowe?

  • Uragapfa utabaye umuvyeyi wewe wiyita Minani.

  • nibaza ko uwokwita abo banyeshure ibijuju yoba yihenda cane,ubundi ntaco bagirizwa gusa barangwa n’ubwitonzi ,akarenanyo karamye mais Imana isumba ingabo

  • Piter nkurunziza kugira ashike aho ari yabanje guca ngaho......bande cange bande bose babanje guca aho nyene naho hitwa izindi zina za escamm... university ..itonde bategetsi mutwara iki guhe ba masooo rwaruka ;;;;;;; twarinjiriwe nabahutu benewacu twari twizigigiyee gabe gabeee

  • mbe uwotinya gupfungwa ari murubu burundi yoheza akinyegeza he? uyumusi hapfunzwe abo ejo naho hazopfungwa abo babapfunze.intwaro ntiyamaho nketswe iyiyahirya jejo.hari izo tuzi zaba izo mubihugu vyarutura canke ahandi zamaze igihe kinini muga zaheze.igikuru nukumenya ko ikidahinduka ari IMANA kandi ukoreye ikibi umuntu ntibiheraraho uzobibazwa nuwuhoraho umusi wasezeye ivyo biguhenda.naho wigira igitangaza bose ngo bagutinye kubera ubukuru ufise bwumwanya urum rumara

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.