Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Impanuro > Abanyeshure bagendana ubumuga barikumira
Abanyeshure bagendana ubumuga barikumira
vendredi 3 Rusama 2013
Mu Burundi birakenewe ko amategeko n’amasezerano yubahiriza abagendana ubumuga ashirwaho kugira abanyeshure bagendana ubumuga ntibasubire kwikumira.
Ivyo vyashikirijwe na Nadia Harushimana, aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abakenyezi bagendana ubumuga, mu nyigisho zerekeye iterambere ridakumira zari zateguwe n’iryo shirahamwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 2 Rusama 2013.
Umupfasoni Nadia Harushimana amenyesha ko ayo mategeko agiyeho vyofasha benshi kuko ibice cumi na bitanu kw’ijana vy’abarundi bafise ubumuga bw’umubiri.
Yarangije ashikiriza ko izo nyigisho zahawe abigisha bo mu mashure yisumbuye zizotuma abarezi bakura ingeso yo kwikumira iboneka mu banyeshure bagendana ubumuga.
Egide Nduwimana