Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bitegurira kuja muri Kaminuza batanguye gukora ikibazo ca (...)
Abanyeshure bitegurira kuja muri Kaminuza batanguye gukora ikibazo ca Reta
lundi 1er Myandagaro 2016, par
Abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye batanguye kuri uwu wa mbere gukora ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bw’ugutangura amashure ya Kaminuza. Ico kibazo catanguye kizokorwa n’abanyeshure barenga ibihumbi 43, bakazokorera mu mashure 678 mu gihugu cose.
Mu gisagara ca Bujumbura, ico kibazo catangujwe gukora ku mugaragaro n’umushikiranganji w’indero, Janviere NDIRAHISHA, hakaba hari kw’ishure ryitiriwe ikiyaga Tanganyika.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mushikiranganji, muri uwu mwaka, igishasha n’uko bazorabira gusa ku manota yo mu kibazo ca Reta umunyeshure azoba yaronse, bikaba bitandukanye n’ivyahahora, aho bashira hamwe amanota yo mu kibazo ca Reta hamwe n’ayo mw’ishure.
Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje kandi ko Reta iriko iriga ingene hokurwaho ivyo kwongera amanota abanyeshure (Coptation). Uwo mushikiranganji agasaba abanyeshure bariko baragikora ko boshiramwo umwete.
Abanyeshure bari bitezwe kuri uwu wa mbere gukora ico kibazo barenga gato ibihumbi 43, mu bibanza 678 vyo mu Burundi, hamwe n’ikibanza kimwe c’i Nairobi mu gihugu ca Kenya.
IGIHE
Messages
1er Myandagaro 2016, 18:02, par Muyahudi
Courage!! Mwirambir Banafunzi
1er Myandagaro 2016, 18:35, par James
Mugire Imana Nta Babe Nkuko Baraye Batugize Ndabipfurije Imigisha
1er Myandagaro 2016, 18:52, par Komere
Mukomere banyeshure, mudakwirikiza akarorero kabi k’aba DD bahaye icicaro mediocrite gushika n’aho abarongoye ubushikiranganji badashobora gusigura imbere y’amakungu situation y’igihugu.
Ivyaraye bishitse imbere y’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu ni akamaramaza, aho umushikiranganji kubera aba DD bazi ko gutwara igihugu ari ukubadarara mu ntebe gusa no kurya imitsi benegihu, ni ikimenyetso d’incompetence.
Twizere ko muri mwebwe atabatwarwa
1er Myandagaro 2016, 20:20, par GAHUNGU JEREMIE
BAGIRE IVYIGWA VYI ,NIGUHUNGU JEREMIE MUYINGA.
1er Myandagaro 2016, 21:11, par Bernard
Nibakora Umuti Uri Muemda.Umwete Nubwira .Ico Imana Yanditse Ntigisiba.Bonne Chance .
1er Myandagaro 2016, 21:25, par sylvain
nivyiza cane kuba vyagenz nez!
4 Myandagaro 2016, 20:49, par Nibitanga Salomon
jewe ndabifurije imigisha ndi salomon nibitanga muyinga.