Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi (IPA) bahagaritse ivyigwa
Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi (IPA) bahagaritse ivyigwa
vendredi 13 Rusama 2016, par
Abanyeshure bo kuri Kaminuza y’Uburundi bari mu ndinganizo nshasha y’inyigisho ya Baccalauréat, mu kigo IPA (Institut de Pédagogie Appliquée) bahagaritse ivyigwa. Abo banyeshure bavuga ko badatahura ingingo zimwe zimwe zifatwa n’abajejwe ivyigwa, nk’iyiheruka gufatwa ijanye n’ukudakora ikibazo c’icigwa baba bahejeje kwiga.
Abo banyeshure bavuga ko babujijwe gukora ikibazo c’icigwa bahejeje nk’uko vyahora, bakavuga ko banditse amakete kenshi basaba insiguro y’iyo ngingo bafatiwe, ariko ata nyishu bigeze baronka.
Abo bahagaritse ivyigwa bavuga ko gusubira mw’ishure ari mpaka ivyo basavye bitorewe inyishu, bagasaba ko iyo ngingo yafashwe yosubirwamwo.
Abanyeshure baserukira abandi muri Kaminuza y’Uburundi baheruka kwandikira umuyobozi w’iyo Kaminuza bagabisha ko bagiye guhagarika ivyigwa, bakavuga ko hari ingingo ziri mu mategeko abagenda zitariko zirakurikizwa mu bijanye n’ivyigwa.
Izo ngingo abaserukira abanyeshure bavuga ko zitubahirizwa ni izigenga ivyigwa, aho bavuga ko baheza ivyigwa ariko ntibakore ibibazo, bakavuga ko amategeko atomoye ku kungene abanyeshure bakora ibibazo vy’ivyigwa bahejeje kwiga.
Mu rwandiko baheruka kurungikira umuyobozi wa Kaminuza y’Uburundi, abanyeshure baserukira abandi bari bagabishije ko umwanya uwariwo wose ivyigwa bishobora guharikwa, bakavuga ko bafise kandi amakenga kuko badakoze ibibazo ku mwanya bishobora gutuma baza kugira umurengera w’ibibazo bategerezwa gukora mu mpera z’umwaka, bigatuma benshi muribo bayoberwa.
IGIHE
Messages
13 Rusama 2016, 15:31, par MUYAHUDI
NONE KWAMATEGEKO ABITOMORA NTIMWEMER KOBABARENGANYA IVYUBURUNDI NUGUHONYANGA AMATEGEKO GUSA ATACAMIRA!
14 Rusama 2016, 04:53, par NYISHU Orginal
Mwigira ngo murakuze!Ahubwo muri inzoya!INZEGO ZA LETA ntibazitera akagere,genda buke kuko ntimubaye aba mbere.Ariko mukabiga!ngo muzoca muyoberwa?muvuze inyishu ibereye!Maze muyobewe UMURUNDI ace areka gusubira kunywa "ICUPA"!Reka turorere awuhomba n’uwunguka,uko ni uguta umwanya,reka ubuyobozi bukore kuko "NTA KABURA IMVO".
14 Rusama 2016, 12:57, par Patrick
Nihakurikizwe icanditse
14 Rusama 2016, 19:38, par mbazumutima jerome
Ababanyeshuri ngiratubitezeko bike kuko ntawimbura icatabivye.kandicubivye nicowimbura!! Nibajemwijuru nihatabigoranye nihari,nibakure nkukobivugwa vyasenaho babaheikonji bashaka bironderera icobakora.nubundi abamezegutyo ntakazoza keza umuntu yobitegako kuko ukobitwa sikobari nukobari sikobitwa.nibantahomfatwa.
16 Rusama 2016, 20:14, par Nsabiyumva Egide
umuyobozi narabe ingene yo batunganiriza ico kibazo ibintu bitaragura.
18 Rusama 2016, 20:13, par Wakidokozi
Nibarabe Baboroheze Bakore Icokibazo Mbega Hoho Abobayobozi Bobontibagikoze Kobashaguhindura Nibavyige
9 Ruheshi 2016, 06:57, par 79754880
Nihaba Arivyo Nibbiasabe Bariko Bariga Nakare Barafise Abaserukira I Mbere Y’ubutegetsi