Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta barahiye kwitaba akamo k’umukuru (...)
Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta barahiye kwitaba akamo k’umukuru w’igihugu
vendredi 18 Ndamukiza 2014
Abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta bararahira bakarengwa ko, batagiye kwitaba akamo baraye batewe n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Abo banyeshure babona ko ingingo umukuru w’igihugu yafashe irimwo utunenge tutari duke. Naho umukuru w’igihugu yategetse ko itegeko nshikiranganji ryari riteye ingorane muri kaminuza za Reta rifutwa, itegeko ry’umukuru w’igihugu rigenga agafashanyo bita ‘’bourse ‘’gahabwa abanyeshure batoye ikibazo ca Reta ridasubiwemwo batarota bahonyoza ikirenge muri kaminuza , nk’uko bivugwa n’abanyeshure baserukira abandi.
Abanyeshure bakavuga ko ingingo zimwe zimwe ziri muri ryo tegeko ry’umukuru w’igihugu zisubirwamwo kuko ricinyiza abanyeshure bo muri ayo ma kaminuza ya Reta. Umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore , kuri uno wa kane yarashizeho itegeko nshikiranganji rishasha rijanye n’itunganywa ry’agafashanyo rizotuma abanyeshure bagera ku 6500, baronka ako gafashanyo ku rugero rumwe, mu ntumbero yo gutorera umuti bimwe mu bibazo bihari.
Irindi tegeko nshikiranganji rifuta ibihano vyari vyafatiwe ba banyeshure batanu bo muri kaminuza y’Uburundi ryaratewe ko igikumu n’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza. Abo banyeshure basaba ko itegeko ry’umukuru w’igihugu ryobanza gufutwa kuko, iryo umushikiranganji ryafuswe ni nk’amashami aturuka kuri iryo ry’umukuru w’igihugu.
Hagati aho umuyobozi wa kaminuza nderabigisha ENS Janviere Ndirahisha yahamagariye abanyeshure gutonda ku munsi wa mbere, ndetse n’ urutonde rw’ivyigwa ruzoba rwamaze kumanikwa, ivy’ukubanza kwiyandikisha kandi akaba atari itegeko.
Floxella Karire
Messages
19 Ndamukiza 2014, 21:05, par RUTOVU
Abo banyeshure bariko barakoreshwa nabamwebamwe mubanya politique,muntumbero yo kugarariza L,Etat,kuko ntivyunvikana aho umunyeshure agarariza umukuru w,igihugu,mwunva umwarimu nawe imbere yuyo munyeshure azovugiki?????.abenshi murabo aho kuza kwiga,baza gukinira ivya politique ngaho mubigo vyamakaminuza.mubakurikiranire hafi caane.