Accueil > Amakuru > Amashuri > Abiga muri kaminuza y’ibiyaga binini basubiye mu mashure
Abiga muri kaminuza y’ibiyaga binini basubiye mu mashure
mercredi 22 Gitugutu 2014
Abanyeshure bo muri kaminuza y’ibiyaga binini basubiye mw’ishure inyuma y’iminsi hafi 20 bari muri yegereyegere.
Iyo yegereyegere bakaba bari bayigiyemwobari kumwe n’ayandi makaminuza yaba ayigenga eka n’aya Reta. Abo banyeshure rero bakaba basaba ko hajaho itegeko ryerekana inganishwa ry’impamyabushobozi ziheza amashure ya kaminuza, ku bize imyaka ine muri za kaminuza, n’imyaka itatu kubariko bariga kaminuza ubu. Abanyeshure bo muri kaminuza y’ibiyaga binini rero bakaba basubiye mw’ishure inyuma y’aho na kaminuza y’umuco isubiriye mw’ishure, eka mbere bikavugwa ko n’abiga muri kaminuza y’ikiyaga Tanganyika buca basubira kwiga.
Abo bose ariko, bakavuga ko badahevye ivyo basaba, n’aho ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza bwemeza ko ibibazo vy’abo banyeshure bizotorerwa umuti mu nama rukokoma y’inyigisho izoba mu kwezi kwa Munyonyo.
Aristide Nizigire