Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta birukanywe mu bigo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta birukanywe mu bigo

Abanyeshure bo muri kaminuza za Reta birukanywe mu bigo

vendredi 14 Ntwarante 2014

Abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi basohowe ibigo vy’iyo kaminuza, inyuma y’aho hafatiwe ingingo zo kwirukana abanyeshure batanu baserukira abandi. N’abandi banyeshure basigaye basabwe gusohoka ivyo bigo bakazogaruka ku wa 24 Ntwarante, baje kwiyandikisha bushasha.

Bamwe bariko baratekera utwabo mu vyumba bitandukanye vy’ibigo vya kaminuza y’Uburundi, abandi bikoreye amasaho yabo, bakaba bavuga ko iyo ngingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’amakaminuza ije gihutihuti, kuko hari bamwe mu banyeshure bariko barakora ibibazo vyo guheza umwaka, abandi bariko baraheza ibibazo vya kabiri, mu gihe abandi bariko barakora imyimenyerezo mu bisata bitandukanye nk’abaganga n’abandi.

Bamwe mu bashoboye kuyaga n’ikinyamakuru IGIHE, bakaba bamenyesha ko ubu bakozwe aharwaye, mu gihe agafashanyo kahora kabafasha kubaho, kariko karakurwaho bukebuke. Abo banyeshure rero bakaba basaba Reta kuraba nyabuna ukwo abo banyeshure boguma baronswa ako gafashanyo, nayo ingingo yo kubirukana bakavuga ko atari inyishu, ahubwo ije gusongera isibe. Bavuga ko hamwe iyo ngingo yoja mu ngiro, atakibuza umwana wa nyarucari agira aje kurima, hige abana b’abatunzi gusa.

Bivugwa ko umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi Gaston Hakiza, yoba agira agene indongozi zirongora abo banyeshure zishasha, izo nazo bikavugwa ko zishobora kurongorwa na Ernest Nzambimana, yari asanzwe arongoye inzego z’abanyeshure mu mwaka uheze. Bivugwa kandi ko Ernest Nzambimana ashobora kuzofasha Reta n’abarongoye za kaminuza za Reta gutahuza abanyeshure ukutaronswa ako gafashanyo kuri bamwe, vyanse mu mwumvikano naho, bikaja mu nguvu.


Aristide Nizigire

Messages

  • intwaro igiri igende icokoza urwaruka rwo muri kaminuza ubu baratashe iwabo kugira propagande bi dd abanyeshure nabo tubasaba kugumana ubumwe no kwihagana

  • Abo bantu batwara ico gihugu bavutse hataragera. Ivyo bakora imitwe yabo yatwawe na shetani. Mugabe kuko y’amaraso bakora mw’ishamba aratanguye guhuma

  • Birababaje cane kwirukana abantu bariko basaba uburenganzira bwabo kubirukana nkuko umenga ntaco bamaze. Barabitugize muri 2007-2008 baratwirukana barafuta ASSER barirukana n’indongozi zayo mugabo ntivyabujije ko no mu nyuma yacu abaje bagumye basaba ko uburenganzira bwabo bwubahirizwa. Ni bareke abana b’abakene bige kuko nabo nyene bize kuri gusa canke babahe ingurane "prêt bourse" nkuko biba ahandi mu bindi bihugu.
    Ikindi nuko boreka système de cooptation kuko baba bahenze abanyeshure ngo bamenye kandi atarivyo niho usanga abategerezwa kuronka bourse babaye benshi bitari bikwiye bagaca bima nabari babikwiye

  • Ntibitangaje dutwagwa nabanyeshamba rindira peter yasinyiraniye na satani igihugu gitegerezwa kuba gutyo muncamake gitwagwa n’umusataniste mwabana nimwigumye ntimucanemwo kuko nuburenganzira bwanyu iyintwaro ntamisi isigaje

  • Emwe nzoba mbarirwa ivy’iburundi mama yangu. None birukanywe ikibazo cabo kidatorewe umuti bizoheza bigende bite. Abntu mwahejeje amashure mushimire Umukama pe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.