Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshure bo muri kaminuza za reta barindiriye ko ingingo bafatiwe (...)
Abanyeshure bo muri kaminuza za reta barindiriye ko ingingo bafatiwe zifutwa
vendredi 11 Ndamukiza 2014
Abanyeshure biga muri kaminuza za Reta bizeye ko umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi ahava afata ingingo yo guhagarika rya tegeko risubirwamwo itangwa ry’agafashanyo, kandi yongere afute ingingo yo kwirukana abanyeshure batanu baserukira abandi.
Ikiringo c’ukwiyandikisha kuri banyeshure biga muma kaminuza ya Reta caheze kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 11 Ndamukiza. Gushika n’ubu, ibitigiri vy’abitavye akamo ko kuja kwiyandikisha ntikirashirwa ahabona n’abasanzwe babijejwe. Nk’uko twagiye turabikurikirana, n’aho ibitigiri vyose hamwe vy’abiyandikishije bitarashirwa ahabona, abanyeshure bitavye akamo ko kwiyandikisha bari bake cane, mu gihe amakaminuza ya Reta afise ibitigiri vy’abanyeshure barenga ibihumbi cumi n’umunani.
Gushika n’ubu, abo banyeshure basaba umushikiranganji guhagarika ingingo zibiri arizo, itegeko ry’umushikiranganji ryo kuwa 12 Ruhuhuma nimero 610/212, hamwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu nimero 100/07 ryo kuwa 14 Nzero, yose asubiramwo itangwa ry’agafashanyo, nk’uko bishikirizwa na Epitas Ndayambaje, umwe mu basanzwe baserukira abo banyeshure.
Abo banyeshure babandanya basaba gufuta ingingo yafashwe n’umushikiranganji yo kwirukana abanyeshure batanu baserukira abandi muri kaminuza mu kiringo c’imyaka ibiri. Ivyo basavye bikaramuka bigenze uko, abo banyeshure bemeza ko ata kabuza baca basubira mu mashure, hama ibiganiro bibe mugabo izo ngingo zahagaritswe, nk’uko Epitas Ndayambaje abandanya abishikiriza.
Gushika n’ubu, bararindiriye ico umushikiranganji ahava ashikiriza.
Floxella Karire
Messages
11 Ndamukiza 2014, 21:48, par clement
none uwo mubaza we niyo condition yoba yizemwo ko agomba gutsinyiza abandi
12 Ndamukiza 2014, 06:13, par Jean de Dieu
Jewe mbona ko umuyobozi wa kaminuza yotanga imihoho kandi akajana n’umukoresha.
12 Ndamukiza 2014, 12:54, par kayifa
murabatahure.akogafasho.katagwamumakaminuza.harigiheusanga.karabaguyeko.bagacababonako.ataohobagiyekugakura,nicogitumabarikugerageza.kubahendahenda.arikontimuvyemere.bitwabampemazuzuye.kandindabwijukuri.ayomanyanga.bamwemugizereta.bakorantamugishabazoyaronkana.imana.ibabarire.kukontibaziicobakora.murakoze